Abantu bagera kuri 290 bahitanywe n'igitero c'amabombe ku masengero n'amahoteli muri Sri Lanka

St Anthony"s Shrine, Kochchikade Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amasengero atatu niyo yatewe muri ico gitero c'amabombe

Abantu n'imiburiburi 290 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye abandi bagera ku majana barakomereka mu gitero c'ibibombe cakozwe ku masengero no ku ma hoteri mu gihugu ca Sri Lanka, ni ku mugabane wa Aziya.

Bivugwa y'uko n'imiburiburi ibibombe umunani arivyo vyatewe.

Ibibombe vya mbere vyatewe ku masengero atatu ari ahitwa Kochchikade, Negombo na Batticaloa.

Hampande y'ayo masengero, amahoteri yitwa Shangri La, Cinnamon Grand na Kingsbury, yose ari mu karere kitwa Colombo, nayo nyene yatewe.

Ico gitero kikaba cabaye mu gihe abakirisu muri ayo masengero bariko bahimbaza umunsi mukuru wa Pasika, umwe mu minsi mikuru ihambaye mu kirangamisi c'amasengero ya kikristu.

Urusengero rwitiriwe Sebasiyano Mweranda ruri mu karere ka Negombo rwamerewe nabi cane. Amasanamu yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana urusenge rw'urwo rusengero rwononekaye cane n'intebe zuzuye amaraso. Abantu batari bake bahapfiriye.

Eka n'aho ivyo bitero vyatanguriye, kw'isengero ryitiriwe Antoni Mweranda ruri i Kochchikade mu karere ka Colombo, hari abatari bake bahasize ubuzima.

BBC yahawe amakuru ava mu bitaro avuga ko mu basize ubuzima mu gitero c'i Colombo harimwo n'abanyamahanga icenda.

Uwufise ububasha kw’isanamu St Anthony's Shrine Facebook page
Image caption Isengero Antoni Mweranda iri ahitwa Kochchikade iri mu zatewe

Igipolisi cabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko nk'ahitwa Negombo gusa hapfuye abantu barenga 50, ni mu gihe amakuru ava mu bitaro vy'ahitwa Batticaloa avuga ko abapfuye bashikanywe muri ivyo bitaro vyonyene bashobora kuba ari 27.

Ibindi bibombe vyagiye guturika mu nyuma, bimwe kw'ihoteri iri hafi y'ikigo c'iyororero ry'ibikoko kiri ahitwa Dehiwala, mu karere ka Colombo yo mu bumanuko, ibindi ahitwa Dematagoda.

Nta muntu yari yiteze ibintu nk'ibi

Hari ibihuha biriko bikwiragira bivuga ko hashobora kuba n'ibindi bitero, igipolisi kikaba casavye abanyagihugu kuguma mu mazu yabo kandi batekanye.

Inyubakwa zikorerwamwo ibikorwa vya leta ziracungerewe cane n'igisirikare.

Ivyabaye nta muntu yari avyiteze. Inyuma y'aho umurwi warwanya leta witwa Tamil Tigers utsindiwe mu mwaka wa 2009, igihugu ca Sri Lanka nticari bwigere kibona ibitero nk'ibi.

Abatari bake biyamirije ivyo bitero biteye ubwoba

Umukuru w'igihugu ca Sri Lanka yasohoye itangazo aho asaba abanyagihugu kuguma batekanye, abasaba kandi ko bofasha ubutegetsi mu bikorwa vy'amatohoza.

Umushikiranganji wa mbere nawe, Ranil Wickremesinghe, yaciye ahamagaza inama yihuta, akaba yiyamirije bikomeye ico gitero.

Yavuze ati: " Ndiyamirije nivuye inyuma ibi bitero vy'ubuhemu ku banyagihugu bacu uno munsi. Ndabasavye mugume mufatanye mu nda muri bino bihe bitoroshe".

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w'ukwivuna abansi, Ruwan Wijewardane, yatangaje umukwabu, anamenyesha ko bazofata ingingo zose zikenewe kugira barwanye umurwi w'iterabwoba uw'ari wo wose mu gihugu.

Yavuze kandi ko abakoze ico gitero bamenyekanye kandi ko "bagiye gutabwa mu mvuto vuba bwango".

Uwundi mushikiranganji nawe, Harsha de Silva, yavuze ko ivyabereye ku rusengero rwa Antoni Mweranda ahitwa Kochchikade "biteye ubwoba", akavuga ko yiboneye "ibihimba vy'umubiri vyinshi bisanzagaye irya n'ino".

Eka na Papa Francis abicishije mu butumwa bwiwe Urbi et Orbi, yiyamirije "ivyo bitero vy'ubugome" vyakozwe ku bakirisu bariko bahimbaza Pasika.

Musenyeri mukuru wa Colombo, Kardinali Malcolm Ranjith, yabwiye BBC ati: " Turi mu bihe bigoye kandi bibabaje kuko ni ibintu tutibaza ko bishobora gushika cane cane kuri uno munsi wa Pasika".

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May, hamwe n'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, nabo nyene biyamirije ivyo bitero bongera bahoza n'imiryango yabuze ababo.

Gushika ubu, nta n'umwe ariyitirira ibi bitero, ariko umushikiranganji w'ukwivuna abansi avuga ko vyoba vyakozwe n'umurwi umwe.

Hari ubwoba ko abahoze barwanira umuhari wiyita "Leta ya Islam" ubu bariko basubira iwabo bashobora guhungabanya umutekano.

Ibindi bisa n’ibi