Intambara zadutse mu bumanuko bw’umugwa mukuru Tripoli mu gihugu ca Libya

Igisirikare c'igihugu kiriko gitana mu mitwe n'ingabo za Jenerali Haftar mu bumanuko bwa Tripoli Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igisirikare c'igihugu kiriko gitana mu mitwe n'ingabo za Jenerali Haftar mu bumanuko bwa Tripoli

Intambara zikomeye zadutse mu bumanuko bw'umugwa mukuru Tripoli inyuma y'aho leta ishigikiwe na ONU itangarije ko igiye gukora ibitero vyo guhagarika abayirwanya.

Leta irongowe n'umushikiranganji wa mbere, Fayez al-Serra, imenyesha ko yakoze ibitero vy'indege indwi mu turere turi mu minwe y'umuhari Libyan National Army (LNA) urongowe na Jenerali Khalifa Haftar.

Ingabo z'uwo muhari zisugereje umugwa mukuru Tripoli ziciye mu bice vyose, zikamenyesha ko zamaze kwigarurira ikibuga c'indege mpuzamakungu kiri kuri uwo mugwa mukuru.

Leta ya Bwana Serra ivuga ko yatanguye urwo rugamba rwo guhagarika ingabo za Jenerali Haftar inyuma y'ukwiyamiriza "ukwihoza" kw'incuti za Libya ku gitero ca Jenerali Haftar.

Jenerali Haftar yatowe ngo arongore uwo muhari LNA mu mwaka wa 2015, akaba ashigikiwe n'ibihugu vya Misiri, Uburusiya hamwe na Emirats Arabes Unis.

Hagati aho, ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, White House, biherutse kumenyesha ko Perezida Donald Trump w'ico gihugu yavuganye na Jenerali Khalifa Haftar, icerekana ko Amerika ishobora gushigikira leta nshasha yoshinga.

Amerika be n'Uburusiya vyaranse gushigikira urwandiko rwari rwateguwe n'igihugu c'Ubwongereza mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, rwasaba abahanganye muri Libya ko bohagarika intambara.

Umuvugizi w'umuhari LNA yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Twaratsinze urugamba rwa politike kandi turumvisha amahanga ko ingabo zacu ziriko zirwanya iterabwoba".

Umunyamakuru wa BBC, Sebastian Usher avuga ko Jenerali Haftar ashigikiwe n'ibihugu vya rutura bitari bike, bimubona nk'umuntu ashobora guhagarika imigumuko yadutse kuva Muammar Gaddafi akuwe ku butegetsi.

Hariho n'abanyagihugu ba Libya nabo nyene bamubona uko, ariko hakaba n'abandi bamubona nk'umuntu ashobora gutwaza umukazo mu gihe yofata ubutegetsi ku nguvu.

Libya irangwamwo intambara n'indyane za politike kuva aho Muammar Gaddafi yari ayirongoye akuriwe ku butegetsi akicwa, inyuma y'imyaka itari mike yari amaze ku butegetsi.

Ibindi bisa n’ibi