Sri Lanka iri mu bikorwa vyo gushingura abahitanywe n’ibitero vya bombe, mu gihe igihugu kigandaye

Abantu batari bake bitavye igikorwa c'ugushingura abapfuye cabereye kw'isengero ryitiriwe Sebasiyano Mweranda i Negombo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu batari bake bitavye igikorwa c'ugushingura abapfuye cabereye kw'isengero ryitiriwe Sebasiyano Mweranda i Negombo

Igikorwa co gushingura abaguye mu bitero vya bombe vyabaye hirya y'ejo ku wa Mungu mu gihugu ca Sri Lanka catanguye mu gihe ico gihugu kiri mu kigandaro.

Igipolisi kimenyesha ko igitigiri c'abapfuye kigeze ku bantu 321.

Igihugu cafashe iminota itatu yo kwibuka abapfuye, ubu kikaba kigengwa n'amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu buryo bwo kugira ntihagire ibindi bitero nk'ivyo bisubira.

Leta ya Sri Lanka yagiriza umurwi w'intagondwa z'aba Islamu wo muri ico gihugu witwa National Thowheed Jamath (NTJ) ko ariwo wagize ico gitero, naho ata murwi uraciyitirira.

Igikorwa c'ugushingura abahasize ubuzima bashika 30 cabereye kw'isengero ryitiriwe Sebasiyano Mweranda i Negombo, mu buraruko bwa Colombo, kimwe mu bibanza vyatewe amabombe ku wa Mungu.

Ikindi naco kikaba gitegekanijwe kuba mu nyuma kuri uyu wa kabiri.

Imbere y'aho, habaye igikorwa c'ukwibuka abahitanywe n'ivyo bitero kw'isaha zibiri n'igice, ari nayo masaha amabombe atandatu ya mbere yaturikiyeko.

Amabendera yadugijwe kugera hagati, abanyagihugu nabo bafata akanya barunama bibuka abahasize ubuzima, be n'abandi 500 bakomeretse muri ico gitero.

Amakuru y'ivyo bitero yatanguye gutangazwa hafi isaha zibiri n'iminota 45 ku munsi wa Mungu, amenyesha ayo mabombe atandatu yaturitse mu kanya gato.

Abenshi mu bahasize ubuzima bakomoka muri ico gihugu ca Sri Lanka, harimwo abakirisu batari bake bari mu misa y'uguhimbaza umunsi mukuru wa Pasika.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bumenyesha ko abanyamahanga barenga 30 bari mu bapfuye.

Muri abo, harimwo n'abana batatu b'umutunzi karuhariwe, Anders Holch Povlsen, akomoka mu gihugu ca Danemark, hamwe n'umunyamategeko w'umwongereza, Anita Nicholson, n'abana biwe babiri bapfiriye kw'ihoteri Shangri-La y' i Colombo. Umugabo wiwe akaba yarashoboye kurokoka.

Kuri uno munsi wa kabiri, igihugu c'Ubushinwa casohoye itangazo kigabisha abanyagihugu baco kutagendera igihugu ca Sri Lanka muri ino minsi ya vuba, mu gihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije ko hashobora kuba ibindi bitero, mw'itangazo yasohoye ibuza Abanyamerika kugendera ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abategetsi batangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe

Hagati aho, ejo ku munsi wa mbere hatanguye amatohoza ku kutumvikana kuri mu butegetsi inyuma y'aho bimenyekaniye ko abategetsi bari bagabishijwe kuri ivyo bitero vyo ku munsi wa Mungu.

Amakuru avuga ko inzego z'igendereza zakurikiraniye hafi umurwi National Thowheed Jamath ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Islamu, kandi ko zari zagabishije igipolisi ko hashobora kuba igitero.

Ariko ibiro vy'umushikiranganji wa mbere bivuga ko batigeze bamenyeshwa na kimwe.

Umuvugizi w'ivyo biro, Rajitha Senaratne, avuga ko ibiro bijejwe igendereza vyatanguye kugabisha kuri ivyo bitero kw'igenekerezo rya 4 ry'uku kwezi kwa kane.

Avuga ko inyuma y'aho, umushikiranganji w'ukwivuna abansi yarungikiye umukuru w'igipolisi urwandiko rurimwo amakuru arambuye, harimwo amakuru yagabisha ko uwo murwi washobora gukora ico gitero, n'amazina y'abari bagize uwo murwi.

Bwana Senaratne amenyesha ko kw'igenekerezo rya 11 ry'uku kwa kane nyene, ibisata bitandukanye bijejwe umutekano vyahawe ubutumwa bubigabisha kuri ivyo bitero.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Bwana Senaratne yavuze ko kuva mu mwaka uheze wa 2018 hari ukutumvikana hagati y'umushikiranganji wa mbere, Ranil Wickremesinghe, n'umukuru w'igihugu, Maithripala Sirisena, arico gituma Bwana Wickremesinghe ataronka ayo makuru yerekeye umutekano.

Shiral Lakthilaka, umwe mu bahanuzi bakuru b'umukuru w'igihugu, yabwiye BBC ko Perezida Sirisena yashinze umurwi udasanzwe urongowe n'umucamanza mukuru w'igihugu kugira ngo wihweze ivyabaye.

Abategetsi bamenyesheje ko ivyo bitero vyakozwe n'imirwi y'abiyahuzi, umuvugizi w'igipolisi nawe akamenyesha ko abantu 40 bafitaniye isano n'ico gitero bamaze guhagarikwa.

Ibindi bisa n’ibi