Abakenyezi bo muri Afrika bavuga kw’isoni baterwa n’ugutakaza umushatsi

Bandile avuga ko iyo aruhurira umushatsi wiwe ntiyari kugira ubuhanza Uwufise ububasha kw’isanamu BANDILE
Image caption Bandile avuga ko iyo aruhurira umushatsi wiwe ntiyari kugira ubuhanza

Inyuma y'imyaka yisukisha imishatsi mu buryo butandukanye, umukenyezi w'imyaka 31 y'amavuko wo mu gihugu ca Afrika y'Epfo yari yizeye ko azoba mu bamamaza inyambaro (mode) yagiye yisanga afise ubuhanza ku mutwe.

Bandile (izina ry'iritazirano) avuga ati: "Igihe cose naja gukuzako ibisuko mu nzu yo gukora imishatsi (salon), baca bankorera imishatsi yanje n'imiti basanzwe bakoresha (produits), uwo munsi nyene bagaca bantera ibindi bisuko- sinigera ngira umushatsi wanje".

Ni uburyo bwo gutakaza imishatsi bita "traction alopecia", akaba yagiye kubona ko ariko atakaza imishatsi yiwe mu gihe yiga mw'ishure ryisumbuye.

Ariko uyo mupfasoni wo mu gisagara ca Johannesburg si we wenyene, kuko ivyo bishikira ica gatatu c'abagore bamuka ku mugabane wa Afrika, nk'uko vyerekanwa n'icigwa ku vyerekeye indwara z'urukoba ziterwa n'amavuta y'ukwisiga, casohokeye mu kinyamakuru c'ubuvuzi, Clinical, Cosmetic and Investigational Dermatology.

Mu myaka itatu iheze, icigwa cakozwe n'ikigo cihweza ivy'indwara z'urukoba kw' ishure kaminuza rya Boston, kigakorerwa ku bagore 6000 bamuka muri Afrika, cerekana ko ibice 48 kw'ijana (48%) y'abishuye ibibazo batakaje imishatsi yabo ku mutwe - ahanini bivuye ku bijanye n'ukwisukisha.

Bitumwe n'uko ico kibazo gisa n'uko kitavugwa, igitigiri c'abafise iyo ngorane gifise kuba ari kinini gusumba.

Bandile ati: "Ari nka hamwe twese twotegerezwa kwiyambura ibisuko vyacu, wosanga abagore umunani kw'icumi bafise ingorane y'imishatsi. Ni ikintu tutavuga kandi tudashaka n'ukuvuga. Biradutera isoni".

"Muganga yambwiye ko imishatsi yanje yazutse igihe nakoresha "colle" mu kuyisuka. Iyo "colle" ntiyigeze imvako kandi niyo yononye imerero ry'umushatsi wanje" .

'Ivyiyumviro bitari vyo ku mushatsi kama'

Bandile avuga ko iyo ngorane iterwa n'ivyiyumviro vy'abantu benshi bibaza ko gusukisha imishatsi bituma umushatsi ukura.

"Twakuze twibaza ko ibisuko vyoroshe gutunganya gusumba umushatsi kama".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ibiharuro bimwe bimwe vyerekana ko abagore ku mugabane wose wa Afrika bakoresha buri mwaka amafaranga ashika imiliyaridi zitandatu z'amadolari ya Amerika mu bisuko.

"Umugore wese yibona ko ari agahambaye afise ibisuko. Abangana igice c'abagore biyumvira ko kugira ibisuko n'imishatsi miremire ariho basa neza, kandi ko ariho bonabonwa neza mu kibano".

"Umugore wese nzi w'umwirabure yipfuza kugira imishatsi miremire, ugasanga bisukishije kugira ngo imishatsi ikweguke".

Ico ni ikintu na Susan Magai asanzwe afise inzu y'ukwongereza ubwiza (salon de beauté) i Dar es Salaam muri Tanzania asanzwe amenyereye.

Avuga ati: " Abagore benshi bakoresha umuti atari wo mu kwisukisha, canke ugasanga ibisuko vyabo bimaze igihe kirekire".

"Duhanura abakiriya bacu ko ibisuko vyomara indwi zibiri, ariko usanga bamwe babirekerako amezi atatu, ugasanga bariko baratakaza imishatsi yabo".

Ibindi bisa n’ibi