Leta ya Sri Lanka ivuga ko igiye gutunganya gushasha inzego z’umutekano inyuma y'ibitero

Perezida Maithripala Sirisena yavuze ko agiye gutunganya gushasha inzego z'igipolisi niz'igisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Perezida Maithripala Sirisena yavuze ko agiye gutunganya gushasha inzego z'igipolisi niz'igisirikare

Umukuru w'igihugu ca Sri Lanka avuga ko agiye gutunganya gushasha inzego z'umutekano w'igihugu inyuma y'ibitero vy'amabombe vyabaye ku munsi wa Mungu bigahitana abantu 359, abandi 500 bagakomereka.

Ejo ku munsi wa kabiri, Perezida Maithripala Sirisena yavuze ko amakuru y'ibitero yari yatanzwe ariko akaba atayamenyeshejwe. Avuga ko "ingingo zikomeye" zigiye gufatwa.

Yagize ati: "Abarongoye inzego z'umutekano baronse amakuru avuye hanze ariko ntibayampaye. Niyemeje gufatira ingingo zikomeye abo bategetsi".

Mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo ku mugoroba w'ejo ku wa kabiri, Perezida Sirisena yavuze ko agiye gutunganya gushasha inzego z'igipolisi n'iz'igisirikare mu ndwi ziri imbere.

Umumenyeshamakuru wa BBC Ethirajan Anbarasan akorera mu karere ka Aziya y'ubumanuko avuga ko bisa n'ibiteye isoni kubona Perezida Sirisena ubwiwe yiyemerera ko abakuru b'inzego z'umutekano batamuhaye amakuru yamenyesha ivy'ivyo bitero.

Kubona umurwi wiyitirira Leta ya ki Isilamu (IS) wemanga ico gitero, uyo mumenyeshamakuru asigura ko Sri Lanka itabona neza iyo iriko iraja.

Abategetsi bavuga ko bariko bakora amatohoza kugira barabe nimba ata sano riri hagati y'umurwi w'urwaruka rwa ki isilamu bakoze ico gitero c'ubwiyahuzi be n'umurwi mpuzamakungu ugendera ku vyiyumviro bikaze vya ki isilamu.

Leta ya Sri Lanka yagiriza umurwi wa ki Isilamu, National Thowheed Jamath (NTJ) ukorera hagati mu gihugu, ko ariwo wakoze ivyo bitero.

Ariko umushikiranganji wa mbere, Ranil Wickremesinghe, avuga ko "bidashobora kuba vyakozwe n'umurwi wo hagati wonyene".

"Hari imyimenyerezo yatanzwe kandi vyarateguwe neza ku buryo tutabonye hakiri kare".

Igipolisi carahagaritse abantu 40 bikekwa ko bafise uruhara muri ico gitero, bose bakaba ari abanya Sri Lanka.

Igihugu kibandanya gitwarwa n'amategeko adasanzwe kugira birinde ibitero nk'ivyo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitigiri c'abapfuye kigeze ku bantu 359 abandi nabo 500 barakomeretse

Ivyo bitero bisa n'ivyabereye rimwe vyakozwe ku masengero yariko ahimbaza umunsi mukuru wa Pasika, be n'amahoteri atatu akomeye yo ku mugwa mukuru, Colombo.

Bwana Wickremesinghe avuga ko ikindi gitero kw'ihoteri igira kane caburijwemwo, akagabisha ko hashobora kuba n'abandi barwanyi n'amabombe "bicinyegeje".

Igikorwa c'ugushingura abaguye muri ico gitero kirabandanya mu gihugu cose.

Kuri uno munsi wa gatatu, igitigiri c'abahitanywe n'ivyo bitero cageze ku bantu 359.

Ni bande bashobora kuba barakoze ivyo bitero?

Ibicishije mu kinyamakuru cayo Amaq, IS ivuga ko "yateye abakirisu ba Sri Lanka be n'abarwanya ivyiyumviro vyayo barongowe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika".

Nta nsiguro itanga kuri ivyo yavuze, uretse ko yerekanye isanamu ku mbuga hwaniro y'abagabo umunani ivuga ko aribo bakoze ico gitero.

Mu kwezi kwa gatatu kw'uyu mwaka wa 2019, niho uwo murwi womorwa mu gace ka nyuma kari mu minwe yawo, ariko abahinga bagabishije ko ivyo bitavuga ko IS n'inyigisho zayo birangiye.

Imbere y'aho, umushikiranganji w'ukwivuna abansi, Ruwan Wijewardene, yari yabwiye abashingamateka ko NTJ wariko ukorana n'uwundi murwi yise JMI ugendera ku vyiyumviro bikaze.

Yamenyesheje kandi ko "amatohoza ya mbere" yerekana ko ivyo bitero vy'amabombe vyari ivyo kwihora ibitero vyakozwe ku misigiti yo mu gisagara ca Christchurch mu gihugu ca Nouvelle-Zélande mu kwezi kwa gatatu guheze.

Uwo murwi NTJ nturemanga ivyo bitero vyo ku munsi wa Mungu.

Leta ya Sri Lanka iriko igirwako amatohoza inyuma y'amakuru avuga ko abategetsi bari bagabishijwe ko hashobora kuba ibitero.

Ibindi bisa n’ibi