Imyuzurira yahitanye abantu 60 inyuma y'imvura y’isegenya muri Afrika y’Epfo

Iyo segenya yatumye haba ibihomoka vyahitanye amazu n'amabarabara Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Iyo segenya yatumye haba ibihomoka vyahitanye amazu n'amabarabara

Abategetsi b'igihugu ca Afrika y'Epfo bamenyesha ko imyuzurira n'ibihomoka vyahitanye abantu bashika 60 mu gisagara ca Durban be n'ahandi muri iyi ntara ya KwaZulu-Natal.

Umukuru w'ico gihugu, Cyril Ramaphosa yishikiye muri ako karere n'indege kugira ngo yirabire ivyononekaye, amenyesha ko abantu barenga 1000 bataye izabo.

Iyo myuzurira yarononye amaduka, amazu y'abantu hamwe n'amashure kaminuza ashika kuri abiri.

Umunyamakuru wa BBC Nomsa Maseko avuga ko Perezida Ramaphosa yashize urugori rw'amashurwe ahapfiriye abantu umunani, akaba yahojeje ababuriye ababo muri iyo segenya.

Yavuze ati: "Vyari nkenerwa ko tuza kugira turabe ivyabaye. Turahojeje imiryango y'ababuriye ababo muri iki kiza. Turababajwe n'ivyashitse hano. Kubura umuntu ntivyoroshe, cane cane iyo bishitse utari uvyiteze".

Mw'itangazo yasohoye, Bwana Ramaphosa yavuze ati: "Ivyabaye bisaba ko twese tuja hamwe nk'igihugu kugira ngo tugarukire ku miryango yashikiwe n'ibi vyago".

Itororokanirizo ry'amakuru AFP rimenyesha ko Nomusa Dube-Ncube, umwe mu bategetsi bakuru b'iyo ntara, yabwiye iradiyo SAFM yo muri ico gihugu ko abategetsi babandanya amatohoza kugira ngo bamenye ivyononekaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Abantu baharurwa mu mirongo bashikanywe ku mavuriro mu gihe abajejwe ubutabazi babandanya ibikorwa vyo kurondera aboba bagihema mu bihomoka vy'inzu zabomaguritse.

Mu minsi mike iheze, uburere bwo mu bumanuko no mu buseruko bw'ico gihugu bwarahuye n'ingorane zikomeye z'isegenya.

Vyitezwe ko imyuzurira n'ibihuhusi bishobora kwizizira uburere buri ku nkengera, abanyagihugu bakaba baragabishijwe.

Ibindi bisa n’ibi