Joe Biden amenyesha ko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu wa Amerika

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Joe Biden yasohoye ireresi kuri uyu munsi wa kane akura amakenga yari amaze amezi

Joe Biden yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yameyesheje ko azokwitoza kurongora ico gihugu inyuma y'amezi atari make y'ibihuha.

Mw'ireresi yasohoye amenyesha iyo ngingo, Bwana Biden yagabishije ait: "Imico shingiro y'igihugu…intwaro rusangi yacu, ibintu vyose vyubatse Amerika, bigeze ahatemba".

Uyo munyapolitike w'imyaka 76 y'amavuko yinjiye mu rugamba ahuriyemwo n'abandi benshi bahiganirwa guserukira umugambwe w'abademocrate mu matora yo mu mwaka wa 2020.

Azohiganwa n'abandi 19, harimwo abasenateri Elizabeth Warren, Kamala Harris, na Bernie Sanders.

Mw'itangazo ryiwe, Bwana biden yibukije inyishu ya Donald Trump yiyamirijwe cane ku kibazo c'imigumuko y'abazungu y'ahitwa Charlottesville mu mwaka wa 2017, avuga ko Amerika iri mu "rugamba rw'ukwisubiza iteka".

Yavuze ati: "Ndizeye ko kahise kazogaruka ku myaka ine y'uyu mukuru w'igihugu n'ivyo akora muri kino gihe".

"Ariko mu gihe twoha Donald Trump imyaka umunani nk'umukuru w'igihugu, azohindura burundu akaranga k'iki gihugu n'ico turi, nanje sinshobora kurera amaboko imbere y'ibiriko biraba".

Bwana Biden ni we mu mukandida w'inzobere mu bakandida b'Abademocrate.

Amaze ibiringo bitandatu muri senat, akaba yarabaye icegera ca Perezida Barack Obama mu biringo vyiwe vyompi.

Yarahiganiye igiti c'umukuru w'igihugu incuro zibiri - mu 1988 no mu 2008 - ariko biranka.

Vyaravugwa ko yari gusubira kwiyamamaza mu mwaka wa 2016, ariko akaba yarasokoye kubera urupfu rw'umuhungu wiwe, Beau Biden, ahitanywe n'indwara y'ikivyimba mu bwonko.

Kuva mu gihe yari icegera c'umukuru w'igihugu, Bwana Biden yaramenyekanye cane mu bademocrate.

Uko kumenyekana kwiwe kuramutandukanya n'abandi bakandida b'abademocrate bakiri bato, akaba akundwa cane kandi izina ryiwe rizwi cane mu gihugu, ivyo bikamutuma afata ikibanza c'imbere.

Ariko Bwana Biden yikoreye umuzigo w'ibibazo abaharanira ubwigenge mu mugambwe w'abademocrate babona ko ari ingorane.

Aho ni nk'ukuba yarashigikiye intambara yo muri Irak, kwanka utwigoro two gutsimbataza ubumwe hagati y'abadasangiye urukoba.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Joe Biden ari kumwe n'umutambukanyi wiwe wa mbere Neilia ariko arakata "gateau" mu gihe yahimbaza imyaka 30 yari amaze avutse mu kwezi kwa 11 umwaka wa 1972

Hari kandi n'abatishimiye ingeye mu mwaka wa 1991 yafashe ikibazo ca Clarence Thomas, umukuru wa Sentare nkuru y'igihugu, igihe yagirizwa ihohotera rifatiye ku gitsina.

Mu minsi iheze, ibikorwa vyiwe vy'ukwiyamamaza vyahagaze bitaranatangura, bibaye ngombwa ko abanza kwishura ibibazo ku birego vy'uko yarengeye akarimbi abakenyezi.

Iyindi ngorane yerekeye imyaka yiwe. Mu gihe yotorwa, yokwimikwa afise imyaka 78, akaba yoca aba mukuru w'igihugu wa mbere afise imyaka myinshi muri kahise k'igihugu, ni mu gihe abademocrate benshi barondera umuntu akiri muto yoshobora kunagura umugambwe.

Joe biden yavutse kw'igenekerezo rya 20 z'ukwezi kwa 11 mu mwaka wa 1942, avukira ahitwa Scranton muri leta ya Pennsylvania.

Yatanguye gutorwa kuba umusenateri mu mwaka wa 1972 afise imyaka 29, bikaba vyabaye ngombwa ko abanza kurindira gufata amabanga indwi nkeya, kugira ngo akwize imyaka 30 yemewe n'amategeko kugira ngo yinjire muri sénat.