Igihugu ca Mozambike gisubiye guterwa n’ikindi gihuhusi citwa Kenneth

Igihuhusi Kenneth cashitse mu buraruko bw'igihugu ca Mozambike ku mugoroba w'ejo ku wa kane Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihuhusi Kenneth cashitse mu buraruko bw'igihugu ca Mozambike ku mugoroba w'ejo ku wa kane

Igihuhusi Kenneth cashitse mu buraruko bw'igihugu ca Mozambike ku mugoroba w'ejo ku wa kane mu gihe cari kicisanasana inyuma y'ikindi gihuhusi casinzikaje ico gihugu mu minsi iheze.

Ico gihuhusi caje gifise umuvuduko w'ibirometero 220 kw'isaha, kikaba kimaze guhitana ubuzima bw'abantu batatu mu gihugu ca Comores.

Ikigo kijejwe gukinga Ibiza mu gihugu ca Mozambike - National Institute of Disaster Management (INGC) - kimenyesha ko abantu ibihumbi 30 bamaze kuvanwa mu bice vyitezwe guhura n'ico gihuhusi.

Umuvugizi w'ico kigo, Paulo Tomas, avuga ko imiryango iriko irimurirwa ahandi, kandi ko ico gikorwa kizobandanya gushika abantu bose bashizwe ahantu hatekanye.

Ku munsi wa gatatu, abategetsi ba Mozambike bamenyesheje ko abantu barenga ibihumbi 680 aribo bashobora kubangamirwa n'ico gihuhusi. Ingendo z'indege zabaye zirahagarikwa, amashure nayo arugarwa.

Anabela Moreira akomoka mu gihugu ca Portugal akaba afise inzu ku nkengera z'ibahari yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: " Nari mfise impungenge n'ikiyaga...umuyaga wari mwinshi cane, kandi sinari bwigere mbona ibintu nk'ivyo mu myaka 15 maze i Pemba".

Abajejwe ibirere bagabisha ko ico gihuhusi gishobora kugenda kigabanya umuvuduko, bikavuga ko imvura nyinshi cane ishobora kugwa mu kiringo c'iminsi itari mike.

Ishami rya ONU rijejwe imfungurwa kw'isi, PAM, rimenyesha ko ririko ryiga "ibijanye n'ubutabazi bwihuta" riri kumwe na leta ya Mozambike n'ayandi mashirahamwe y'ubutabazi.

PAM imenyesha koi co gihuhusi kimaze kwonona amazu mu gisagara ca Pemba cashitsemwo ejo ku wa kane ku mugoroba.

Mu kwezi kwa gatatu guheze, igihuhusi Idai carakoze ibara muri ico gihugu no mu bihugu vya Malawi na Zimbabwe, aho cahitanye abantu barenga 900.

Ibindi bisa n’ibi