Kudafata imfunguro yo mu gitondo ngo biteza indwara y'umutima

Ico cigwa cihweje imigirwa y'abantu barenga 6,000 ku bijanye n'imfunguro yo mu gitondo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ico cigwa cihweje imigirwa y'abantu barenga 6,000 ku bijanye n'imfunguro yo mu gitondo

Imfunguro yo mu gitondo ikunze kwitwa ko "ariyo mfunguro ikomeye y'umunsi".

Icigwa casohowe ku wa 22 z'uku kwezi kwa kane n'ishure kaminuza yigisha ibijanye n'umutima muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, American College of Cardiology, kivuga ko iyo mfunguro ari ntungamagara: kudafata imfunguro yo mu gitondo bishobora gutuma umuntu yicwa n'indwara z'umutima.

Ivyavuye muri ico cigwa vyihwejwe n'umurwi w'abaganga n'abashakashatsi bavuye mu mashure ya kaminuza atandukanye muri Amerika.

Bihweje ivyavuye muri ico cigwa ku magara y'abantu n'imfungurwa cakozwe hagati y'umwaka wa 1988 na 1994 ku bantu 6.550 bafise hagati y'imyaka 40 na 75.

Abagizweko ico cigwa baravuze ingene bafata iyo mfunguro yo mu gitondo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Muri rusangi, ibice 5 kw'ijana vy'abishuye bavuze ko ata mfunguro yo mu gitondo bafata, ibice 11 kw'ijana nabo bavuga ko bayifata gake, mu gihe ibice 25 bavuze ko bayifata badasiba.

Abo bashakashatsi barihweje ibitigiri vy'abapfuye gushika mu mwaka wa 2011 - aho basanze abantu 2,318 mu bari muri ico cigwa barapfuye - baca bihweza isano riri hagati y'izo mpfu n'ingene bafata imfunguro yo mu gitondo.

Bahejeje kwihweza ibindi bituma vy'impfu nk'itabi canke urusina, uwo murwi wabonye ko ibice 19 kw'ijana vy'abadatafata imfunguro yo mu gitondo bashobora gupfa bitewe n'ibindi bituma, mu gihe ibice 87 kw'ijana bashobora gupfa bahitanywe n'indwara z'umutima.

Icitonderwa:

Ubushakashatsi mu vy'ubuvuzi buramaze kwerekana ko kudatafa imfunguro yo mu gitondo bishobora kugira ingaruka mbi ku magara yacu, ariko abahinga bariko bagerageza kwiga isano riri hagati.

Ku vyavuye muri ico cigwa, ikigo kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza kivuga ko ico cigwa "kiterekana nimba ukudafungura imfunguro yo mu gitongo ari vyo bitera izo ndwara z'imitima".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ico cigwa cibanda ahanini ku mfunguro imwe gusa yo mu gitondo, iyo nayo ikaba itofatirwako kugira hihwezwe imibereho y'ubuzima bwose

Umwihwezo watangajwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ikigo kijejwe amagara y'abantu mu Bwongereza(NHS) uvuga uti: "Muri ico cigwa, abantu badafata imfunguro yo mu gitondo usanga benshi muri bo ari abahoze banywa itabi, imborerwa karuhariwe, abantu badakoresha umubiri, abantu badafungura neza, n'abantu babaye mu buzima bubayabaye gusumba abo bafata imfunguro yo mu gitondo".

Uwo mwihwezo werekana kandi ibituma abantu bashobora gufatwa n'indwara z'imitima.

"Ico cigwa cibanda ahanini ku mfunguro imwe gusa yo mu gitondo, iyo nayo ikaba itofatirwako kugira hihwezwe imibereho y'ubuzima bwose. Ntigishobora kandi kwerekana ic'ari co imfunguro yo mu gitondo ku bantu batandukanye".

"Nk'akarorero, abantu benshi barafungura mu gitondo, ariko hafise kuba hari itandukaniro rinini hagati y'abantu bafungura imfungurwa zikwije ivya ngombwa isaha zibiri zo mu gatondo, n'abandi bafata nk'agakate gasanzwe mu masaha yitereye y'igitondo".

Ariko muganga Wei Bao yigisha ibijanye n'indwara kuri kaminuza ya Iowa, akaba ari umwe mu bakoze ico cigwa, aremeza ivyo batoye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abashakashatsi bemeza ko icigwa bakoze cerekana ko hari isano hagati y'imfunguro yo mu gitondo n'amagara y'umutima

Bao avuga ati: "Ivyigwa vyinshi birerekana ko kudatafa imfunguro yo mu gitondo bishobora gutuma abantu barwara indwara z'igisukari, umutima utera cane, hamwe na vya bivuta bita cholesterol".

"Icigwa cacu cerekana ko gufata imfunguro yo mu gitondo bishobora gutuma umuntu adahuta arafatwa n'indwara z'imitima".

Indwara ihitana abantu benshi kw'isi

Bao na bagenziwe banditse ko ugufata imfunguro yo mu gitondo n'indwara z'umutima "bifitaniye isano rinini kandi ko bitavana n'uburyo umuntu abayemwo, ibiro apima canke ibindi bituma vy'indwara z'imitima".

"Twebwe aho tugeza, iki nico cigwa ca mbere cihweje isano hagati y'ukudafata imfunguro yo mu gitondo n'impfu ziturutse ku ndwara z'imitima".

Indwara z'imitima n'izo mu mitsi zifatira mu bwonko (AVC) ni zo ndwara zihitana abantu benshi kw'isi, aho mu mwaka wa 2016 abantu imiliyoni 15.2 bapfuye nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ryitaho amagara kw'isi, OMS.