Abimukira bashika 2000 muri Libya babuze iyo berekeza kubera intambara yabaye ndanse

Abimukira mu kigo kibakira muri Libya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption ONU ivuga ko abo bimukira ari inzirakarengane zagotewe mu ntambara

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rivuga ko abimukira bashika ku bihumbi bibiri bakeneye gukurwa mu bibanza bapfungiwemwo muri Libya ubu bwa vuba kubera intambara.

Intambara irakomeye ku murwa mukuru wa Libya Tripoli, ahari vyinshi mu bigo bipfungiwemwo abo bimukira bagizwe ahanini n'abirabura bo muri Afrika.

Vincent Cochetel akorera ikigo ca ONU yavuze ko abo bimukira ari abanyagihugu b'inzirakarengane bagotewe muri iyo ntambara.

Video zagaragaye zerakana abo bimukira mu kigo kimwe bapfungiwemwo, kiriko kiragabwako igitero.

Abasirikare bashigikiye umukuru w'abarwanyi Khalifa Hafter wo mu karere k'ubuseruko bwa Libya, bagavye igitero kuri Tripoli mu ntango za kuno kwezi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imirwano irakomeye muri Libya kuva mu ntango za kuno kwezi

Kuva mu mwaka w'2011 igihe uwahoze atwara Libya, Mohamar Khaddafi agandaguriwe, ico gihugu ntikiraronka agahengwe kandi ibintu bigenda birunyuka.

Abimukira bava mu karere ko munsi y'ubugaragwa bwa Sahara muri Afrika, baca muri Libya barondera inzira yo kuja i Buraya baciye mu kiyaga, benshi bakahasiga ubuzima.

Iyo bafatiwe mu bugaragwa bwa Libya, barapfungwa, hakagira abakorerwa amahano atagira uko angana, uhereye ku gufatwa ku nguvu gushika ku kugurishwa nk'abacakara.

Ibindi kuri iyi nkuru