Mu gihe CNDD FDD ihamagarira abahunze gutaha, Bamvuginyumvira avuga ko hataragera
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

CNDD FDD isaba abanyepolitike gutahuka mu Burundi, ariko hari abagifise ubwoba

Mu Burundi ejo umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, warahimbaje imyaka ine iheze Petero Nkurunziza atowe n'uwo mugambwe ngo awuserukire mu matora yabaye mu 2015.

Mu majambo yavugiwe mu birori vyabaye, ubuyobozi bw'uwo mugambwe bwashimye ukuntu igihugu gitekanye, inyuma y'akajagari kadutse mu 2015, harimwo kugerageza guhirika ubutegetsi vyaburijwemwo.

CNDD - FDD wasavye Abarundi bahunze igihugu, harimwo n'abiri mu buyobozi, gusubira mu gihugu ngo bafatanye n'abandi mu kwitegurira amatora yo mu 2020.

Mu kugerageza kumenya ico bamwe mu banyepolitike bahunze babivugako, BBC yavuganye na Frederic Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, ubu yahungiye mu Bubirigi.

Yatanguye atubwira uko yakira ako kamo batewe n'umugambwe CNDD FDD, mu kiganiro mushobora kwumva aho hejuru.

Ushobora gushima gusoma kandi:

Ibindi bisa n’ibi