ONU ivuga ko imyuzurira muri Mozambike ikomeye gusumba uko abantu bavyibaza

Pemba, Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu hafi ibihumbi 700 barageramiwe n'ico gihuhusi

Umuvugizi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko ibintu bikomeye mu gihugu ca Mozambike gusumba uko bavyibaza, inyuma y'aho igihuhusi Kenneth gitereye ico gihugu.

Ico gihuhusi cashitse muri ico gihugu ku mugoroba wo ku munsi wa kane gifise umuvuduko w'ibirometero 200 kw'isaha, imirambi kigasasika mu karere ka Pemba.

Abantu bashika hafi ibihumbi 700 nibo bivugwa ko bageramiwe muri ako karere mu gihe imvura y'isegenya ibandanya.

Igisagara ca Pemba, umugwa mukuru w'intara ya Cabo Delgado, nico kibangamiwe cane n'iyo segenya n'imyuzurira.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty
Image caption Imyuzurira yarabomoye amabarabara bituma ibikorwa vy'ubutabazi bigira ingorane

Saviano Abreu, umuvugizi w'igisata kijejwe ubutabazi (Ocha), avuga ko ibintu bitifashe neza mu bisagara vya Macomia na Quissanga vyo muri iyo ntara, kandi ko n'izinga rya Ibo rishobora kugeramirwa.

Deborah Nguyen , umuvugizi w'ishirahamwe ryitaho imfungurwa kw'isi, PAM, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko bafise ubwoba kubera abajejwe ikirere bavuga ko hitezwe imvura nyinshi cane mu minsi ine iri imbere.

Yavuze ati: "Twiteze ko imvura yimirije ishobora gusumba incuro zibiri iyaguye mu gihe c'igihuhusi Idai".

Bishasha

Igisagara ca Pemba kirimwo abantu bashika ibihumbi 400 kandi benshi barageramiwe n'isegenya.

Abarongoye OCHA bamenyesha ko karitiye ya Mahate igeramiwe n'ibihomoka, mu gihe amazu yatanguye kubomagurika muri karitiye ya Natite.

Ishirahamwe PAM rivuga ko ryatanguye guha imfashanyo abanyagihugu bari mu kangaratete, ariko ko amabarabara yabomaguritse yatumye ico gikorwa gihagarara mu burere buri kure.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Abategetsi b'igihugu bamenyesha ko abantu bashika batanu bamaze guhitanwa n'ico gihuhusi, inzu hafi ibihumbi 35 zikaba zarononekaye cane canke zarabomotse.

Ejo ku munsi wa Mungu, umuvugizi w'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Antonio Guterres yamenyesheje ko ababajwe cane n'ingaruka z'ico gihuhusi Kenneth.

Mu gihe amashirahamwe yegukira ONU abandanya afasha abategetsi guhangana n'ico gihuhusi, Bwana Guterres asaba amakungu "izindi mfashanyo kugira bashobore gufasha" abahuye naco.

Ibindi bisa n’ibi