Mozambique: Ivyasizwe n'igihuhusi Kenneth mu masanamu

Umugore w'i Macomia, mu buraruko bwa Mozambique, ariko arihweza ivyasambutse nyuma y'aho igiti kinini kigwiriye inzu yiwe mu gihuhusi Kenneth Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Igihuhusi gikomeye casambuye ibihumbi vy'amazu kinica abantu benshi muri Mozambique.

Igihuhusi Kenneth cashitse ku butaka kuwa kane kizanye umuyaga ufise umuvuduko ungana na 220km/h.

Hategekanywa ko ikirere kizosuka imvuga ingana inshuro zibiri iyasutswe n'igihuhusi Idai, cahitanye abantu 900 muri Mozambique, Malawi na Zimbabwe mu kwezi guheze.

Amahano yasizwe n'igihuhusi Kenneth mu karere ka Macomia, intara ya Cabo Delgado muri Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu OCHA/Saviano Abreu/via REUTERS

Pemba, umurwa mukuru w'intara ya Cabo Delgado, yahuye n'imvura ingana n'imetero zibiri, amabarabara ahinduka inzuzi.

Umugore ariko arajabuka ibarabara ryatwawe nyuma y'igihuhusi Kenneth i Pemba muri Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Presentational white space
Umugabo ariko arafasha umugore mw'ibarabara ririmwo imyuzur mu muhana, nyuma y'igihuhusi Kenneth, i Pemba muri Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Presentational white space
Umugabo ariko aragendagenda hafi y'amazu yasambuwe n'igihuhusi Kenneth, i Pemba muri Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Ikibazo c'imyuzure cunyuwe n'uko igihuhusi Kenneth cashitse mu mpera z'igihe c'imvura, aho inzuzi n'ubundi ziba zuzuye, nk'uko vyashikirijwe n'ibiro vya ONU bitunganya ibikorwa vy'ubutabazi, Ocha

Abanyagihugu bariko barihweza abajejwe kuzimya umuriro b'abanye Brezile bari mu kazi i Mazive, ubumanuko bwa Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Imyuzure yasambuye inyubako za leta, bituma ibikorwa vy'ubutabazi bidindira.

Pemba Abanyagihugu bahagaze impande y'ibarabara ryasambutse igice nyuma y'imvura nyinshi, i Pemba. Uwufise ububasha kw’isanamu STRINGER/AFP

Igihuhusi Kenneth kiramaze gusambura ibice vy'amazinga ya Comoros.

Abantu bahagaze impande y'amazu yononekaye hamwe n'ibiti vyaguye nyuma y'igihuhusi Kenneth muri Comoros Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Umuvugizi wa Ocha, Saviano Abreu, yavuze ko ibintu mu miji ya Macomia na Quissanga bimeze nabi cane, yongerako yuko hari impungenge kw'izinga rya Ibo risa n'iryugarijwe

Isanamu ya satelite yerekana igihuhusi Kenneth yafashwe n'ikigo Nasa, igihe ico gihuhusi cariko kiregereza inkengero za Mozambique Uwufise ububasha kw’isanamu NASA

.

Ibindi bisa n’ibi