Umuryango w’ubumwe bwa Afrika ugabisha igihugu ca Sudani ko gishobora gufatirwa ibihano

Abari mu myiyerekano barabandanya kwugariza ibiro bikuru vya gisirikare vya Sudani ku mugwa mukuru Khartoum Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abari mu myiyerekano barabandanya kwugariza ibiro bikuru vya gisirikare vya Sudani ku mugwa mukuru Khartoum

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rimenyesha ko umuryango w'Ubumwe bwa Afrika (AU )uvuga ko "ubabajwe cane" n'ukubona abategetsi ba gisirikare mu gihugu ca Sudani batarashikiriza ubutegetsi abasivire.

Inyuma y'aho Perezida Omar al-Bashir akuriwe ku butegetsi, haciye indwi zitatu, inama nkuru y'umutekano n'amahoro y'uwo muryango yahaye iminsi 15 abasirikare bari bafashe ubutegetsi kugira ngo babe babushikirije abasivire.

Ku wa 24 z'ukwezi kwa kane guheze naho, uwo muryango wari wahaye abo bategetsi ba gisirikare amezi atatu kugira ngo babe bakoze impinduka zishingiye kuri demokrasi.

Ubu naho, bahaye iminsi 60 abo bategetsi batembagaje ubutegetsi bwa Bwana Bashir kugira ngo babushikirize abasivire.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP rimenyesha ko mu gihe bitogenda uko, igihugu ca Sudani kizoca gikurwa mu muryango wa AU.

AFP isubiramwo amajambo yavuzwe n'akanama kajejwe amahoro n'umutekano k'uwo muryango, aho kavuga ko " gashimangiye y'uko ubutegetsi bw'imfatakibanza burongowe n'igisirikare butazigera bwemerwa kuko buteye kubiri n'ivyipfuzo vy'abanyagihugu".

Kongerako ko ubwo butegetsi bwa gisirikare "buteye kubiri n'intwaro rusangi, ukwubahiriza agateka ka zina muntu be n'uburenganzira bw'abanyagihugu ba Sudani".

Abategetsi ba gisirikare bagize iminsi babonana n'abarongoye imyiyerekano be n'abatavuga rumwe n'ubutgetsi kugira ngo bigire hamwe ingene hoshingwa intwaro mfatakibanza gushika habaye ubutegetsi bushingiye ku ntwaro rusangi.

Igihugu ca Sudani kirangwamwo imyiyerekano yatanguye mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze wa 2018, ivuye ahanini ku biciro vy'ibitoro n'umukate vyaguma biduga.

Iyo myiyerekano yagiye kuvamwo iyo kwiyamiriza intwaro ya Perezida Bashir yari amaze imyaka hafi 30 ku butegetsi, bamusaba ko yotanga imihoho.

Niyo yatumye kw'igenekerezo rya 11 z'ukwezi kwa kane guheze, igisirikare c'ico gihugu gifata ingingo y'ugutembagaza ubutegetsi bwa Bwana Bashir, ariko gushika ubu imyiyerekano irabandanya, aho abayirimwo basaba abasirikare gushira ubutegetsi mu minwe y'abasivire.