Igihugu ca Korea ya ruguru ‘cagerageje za misire ziterwa hafi’

Kim Jong-un wa Korea ya ruguru na Donald Trump wa Amerika bahuriye mu gihugu ca Vietnam mu kwezi kwa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kim Jong-un wa Korea ya ruguru na Donald Trump wa Amerika bahuriye mu gihugu ca Vietnam mu kwezi kwa kabiri

Amakuru ava muri Korea y'ubumanuko avuga ko igihugu ca Korea ya ruguru cagerageje misire zitari nke ziterwa hafi.

Abarongoye inzego z'umutekano muri Korea y'Epfo bamenyesha ko izo misire zaterewe mu kigwa citwa Hodo mu buseruko bwa Korea ya ruguru.

Mw'itangazo basohoye, bamenyesheje ko "amamisire ya hafi atari make yarashwe ava ku kigwa ca Hodo, hafi y'igisagara ca Wonsan kiri mu buseruko, akaba yatewe agana mu buburaruko bushira ubuseruko".

Bamenyesheje kandi ko izo misire zagiye hagati y'ibirometero 70 na 200 imbere y'uko zigwa mu kiyaga c'Ubuyapani.

Ico kigwa ca Hodo camye gikoreshwa mu kugerageza za misire zigendera hafi ku muvuduko munini cane, be n'ibindi birwanisho bishobora kurasa kure.

Mu gihe vyoba ari vyo, bwoba ari bwo bwa mbere ico gihugu gisubiriye kugerageza misire, inyuma y'aho kigeragereje misire ziterwa kure (missile ballistique intercontinental) mu kwezi kwa 11 umwaka wa 2017.

Mu kwezi guheze kwa kane, Korea ya Ruguru yamenyesheje ko yagerageje ikindi kirwanisho yise "tactical guided weapon", igikorwa cahagarikiwe na Bwana Kim ubwiwe nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Korea ya Ruguru (KCNA).

Ico cari co kirwanisho ca mbere kigeragejwe inyuma y'aho ibiganiro hagati y'umutegetsi mukuru wa Korea ya ruguru, Kim Jong-un, n'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, birangiriye ata masezerano bashitseko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibiganiro bigira kabiri hagati ya Trump na Kim muri Vitenam vyarangiye ataco bashitseko

Perezida Trump yariyonjoroye mu co yise umugambi mubi wa Kim Jong-un i Hanoi ku mugwa mukuru wa Vietnam bari bahuriyemwo mu kwezi kwa kabiri kw'uno mwaka wa 2019.

Iryo geragezwa ry'izo misire zidashika kure ntiritegerezwa kurenga kuvyo Korea ya ruguru yiyemeje vy'ukudasubira kugerageza misire zishika kure canke z'ubumara.

Ariko umumenyeshamakuru wa BBC Laura Bicker avuga ko bisa n'uko ico gihugu kiriko kirarambirwa n'ibishikirizwa na Amerika ivuga ko ibihano mu vy'ubutunzi Korea ya ruguru yafatiwe bizobandanya gushika Bwana Kim afashe ingingo nyazo z'uguhagarika umugambi wiwe w'uguhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.

Umuvugizi w'ibiro Maison Blanche vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, Sarah Sanders, avuga ati: "Turazi ivyo Korea ya ruguru yakoze muri iri joro. Tuzoguma tubikurikiranira hafi uko bizoba bikenewe kwose".

Mu mwaka uheze wa 2018, Bwana Kim yamenyesheje ko yahagaritse umugambi wiwe w'ukugerageza ibirwanisho vy'ubumara, kandi ko atamisire zishika kure azosubira gukora.

Ariko, ibikorwa vy'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara bisa n'ibibandanya, aho mu kwezi guheze, amasanamu y'ibigendajuru yerekana ko ikigo gikuru ca Korea ya ruguru gihingura ibirwanisho vy'ubumara kiriko kirakora, bigashoboka ko yoba iriko ikora ibindi bobombe vy'ubumara.