Abatwa bo mu Cibitoke basaba gutunganirizwa nk'abandi Barundi
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Abatwa bo mu Cibitoke basaba gutunganirizwa nk'abandi Barundi

Mu Burundi hari umugwi w'Abatwa bo muri komine Rugombo bari bamaze iminsi bugarije ku biro vy'abaserukira intwaro n'ubucamanza mu ntara ya Cibitoke basaba ko ubutungane bwokora akazi kabwo icishe mugenzi wabo kikamenyekana.

Abo Batwa ndetse bari banse no gushingura nyakwindera wishwe ku itariki ya 24 z'ukwezi gushize kugeza abamwishe bafashwe.

Amakuru ava mu Cibitoke avuga ko ejo bemeye kumushingura.

Ariko bavyemeye bigenze gute? Florentine Kwizera yabibajije uwuserukira ishirahamwe ry'Abatwa mu Burundi, Vital Bambanze, amubwira ko vyabaye ngombwa ko Abatwa bihagararako kubera ko bakomeje kurenganywa.

Ushobora kwumva ico kiganiro aho hejuru.

Ibindi bisa n’ibi