Kubera iki Uburusiya na Amerika birwanira cane Venezuela mu ndyane ziri muri ico gihugu?

Vladimir Putin na Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Vladimir Putin na Donald Trump baraganiriye Venezuela

Igihugu ca Venezuela cabaye isoko ry'ukutumvikana hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya.

Mu ndwi iheze, inzira zitandukanye zafashwe n'ivyo bihugu bibiri muri ico gihugu co muri Amerika y'Epfo vyatumye ibintu biyangara gusumba.

Inyuma y'aho imigumuko yatangujwe na Juan Guaido atavuga rumwe n'ubutegetsi muri Venezuela inaniriwe kugira ico ishitseko, ivyo bihugu vyaragirizanye ko kimwe kimwe cose cisuka mu biraba ico gihugu na leta irongowe na Nicolas Maduro.

"Igihugu gihanzwe" n'ibihangange kw'isi?

James Dobbins umuhinga mu kigo c'abahinga citwa RAND Corporation, yabwiye BBC ati: "Dushitse mu gihe c'aho ibisa n'imishamirano hagati y'Uburusiya na Amerika ku kibazo ca Venezuela bisa n'ibisigura imishamirano hagati ya Maduro na Guaido".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uburusiya bwararungitse indege z'intambara muri Venezuela mu myimenyerezo ya gisirikare mu kwezi kwa 12 guheze, ivyabonetse nk'uko ari ugushigikira Maduro

Ku bihweza ibintu n'ibindi batari bake, vyibutsa igihe c'imishamirano hagati y'ivyo bihugu muri Amerika y'epfo, igihe igihugu ca Cuba carwanirwa n'ivyo bihugu bibiri vya rutura.

Ariko kubera iki Venezuela? Inyishu isanzwe ntayiriho: inyungu za politike n'iz'ubutunzi zivanganye n'inyungu zirengeye indyane ziri muri Venezuela.

Vyagenze gute kugira ngo Uburusiya bwunge ubumwe n'ubutegetsi bwa Maduro mu gihe Amerika ari umwansi wabwo ruhebwa?

Mu myaka y'ubutegetsi bwa Hugo Chavez (1999-2013), Amerika na Venezuela vyarahanganye akatari gake ariko bigumana ubucuti bushingiye muvy'ubudandaji.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nicolas Maduro yagiriza Amerika ko iriko igerageza gusenyura ubutegetsi bwiwe

Bwana Dobbins asigura ko mu kiringo c'imyaka itari mike, Amerika cari co gihugu ca mbere cagura igitoro ca Venezuela kandi n'amahinguriro atari make ari mu buraruko bw'ico gihugu yari yariyemeje cane cane guhingura igitoro kirungikwa na Venezuela muri Amerika.

Ariko ibintu vyagiye kuyangara igihe Maduro ashikiye ku butegetsi mu mwaka wa 2013, bituma imigenderanire hagati ya Amerika na Venezuela ihagarara, maze abantu n'amakompanyi vyari bishigikiye ubutegetsi bwa Bwana Maduro bifatirwa ibihano.

Mu gihe Amerika yari yitandukanjie n'ubutegetsi bwa Maduro, umukuru w'igihugu c'Uburusiya wewe, Vladimir Poutine, yaramwiyegereje cane, Venezuela nayo ica itangura gushigikira Uburusiya mu migambi yabwo itari mike kw'isi.

Abahinga bavuga ko ikumirwa ry'Uburusiya inyuma y'aho bwigaruriye Crimée mu mwaka wa 2014 ryatumye buca buronderera ahandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ihinguriro Rosneft ry'Uburusiya icukura igitoro ryarongereje biboneka uruhara rwaryo mu gisata c'ugucukura igitoro muri Venezuela

Steve Pifer yahoze aserukira Amerika mu gihugu ca Ukraine ubu akaba ajejwe ubushakashatsi mu kindi kigo c'abahinga, Brookings Institution, muri Amerika avuga ati: "Uburusiya buriko burondera ibihugu bishobora gucudika nabwo, harimwo na Venezuela".

Uburusiya bwongereje imigambi muri Venezuela inyuma y'aho Amerika yiyonkoreye.

Mu myaka icumi iheze, ikompanyi y'Uburusiya Rosneft icukura igitoro yarongereje biboneka uruhara rwayo mu gisata c'ugucukura igitoro muri Venezuela.

Abahinga bamwe bavuga ko Rosneft na leta y'Uburusiya bahaye ingurane ico gihugu yababa imiliyoni 20 z'amadolari naco kikabaha igitoro kuva 2006.

Nk'uko Dobbins abivuga, Venezuela ntirashobora kwishura uwo mwenda, vyumvikana ko mu gihe ubutegetsi bwohinduka muri ico gihugu, Uburusiya butoshobora kugaruza amahera yabwo.

None vyose bihagaze ku gitoro?

Nico leta ya Venezuela ikunda kuvuga: Maduro yagiriza Amerika y'uko iriko iragerageza gushira amaboko ku gitoro c'igihugu ciwe.

Dobbins avuga ati: "Nta nkeka ko igihugu ca Venezuela cari incuti ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika ikomeye mu vy'ubutunzi, zikaba rero zipfuza kugarukana ubwo bucuti.

"Ariko sinemera ko Amerika yipfuza gushira amaboko ku gitoro cayo".

Ubutegetsi bwa Venezuela ku ruhande rwabwoo burishimira imfashanyo buronswa n'Uburusiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Venezuela yaranzwe n'imigumuko mu gihugu

Ariko, Vladimir Rouvinski, umuhinga muri politike no mu migenderanire mpuzamakungu kw'ishure kaminuza rya ICESI ahitwa Cali, muri Colombia, abona ko Uburusiya burondera izindi nyungu atari igitoro gusa.

Bwana Rouvinski avuga ati: "Kuva mu mwaka wa 2014, imitahe y'Uburusiya yagizweko amakenga. Igitoro ca Venezuela gikeneye umutahe w'amahera menshi kugira ngo inyungu yaco iboneke".

"Ico abarusiya bakoze, bafashije mu mpisho ubutegetsi bwa Maduro. Ntivyumvikana ingene Rosneft yokoresha ayo mahera muri Venezuela mu gihe isanzwe ifise igitoro cayo".

Dobbins nawe avuga ko igisata ca Amerika kijejwe igitoro na "gaz" kitakigendera cane ku vyinjizwa biva hanze.

None ni kubera iki Uburusiya bushigikira Venezuela?

Famil Ismailov, umukuru w'igisata ca BBC c'ururimi rw'ikirusiya, asigura ko ikintu gikomeye ari ubutumwa Bwana Putin yipfuza gushikiriza Abarusiya.

Ismailov avuga ati: "Ni nkenerwa ko yereka abanyagihigu ko, n'aho bwafatiwe ibihano, Uburusiya bufise uruhara nk'igihugu c'igihangange kw'isi kandi ko gifise abagenzi".

Steven Pifer yahoze aserukira Amerika muri Ukraine avuga ko leta y'Uburusiya ishaka kwerekana ko butashizwe ku ruhande, kandi "mu bisanzwe ariko bimeze".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyamabanga wa Leta wa Amerika Mike Pompeo abandanya avuga ko uburyo bwa gisirikare bushobora gukoreshwa

Ariko kandi Amerika nayo itegegerezwa kwitaho ibibazo vya Venezuela nka kimwe mu biraba politike yayo.

Dobbins asigura ati: "Mu bumanuko bwa leta ya Florida, hariyo abanyavenezuela n'abanyacuba benshi bahunze kandi bashigikiye ko ubutegetsi hubinduka muri Venezuela".

Cuba na Venezuela bifitaniye imigenderanire ikomeye harimwo no mu vya gisirikare, n'aho abategetsi ba Cuba biyamiriza ibivugwa ko ico gihugu gifise abasirikare muri Venezuela.

Nico gituma mu mezi aheze, amajambo ya Perezida Donald Trump wa Amerika yari agizwe n'ivyerekeye ibihano bishasha bishobora gufatirwa igihugu ca Cuba.

Dobbins yongera ko ati: "Dufashe ko Florida ari intara igenda ihindagurika mu gihe amatora ategekanijwe mu mwaka wa 2020 agenda yegereza, ntacoba gitangaje ari nka hamwe Venezuela yoba kimwe mu bigize imyiyamamazo ya Bwana Trump".

Vyongeye, indyane za Venezuela zifise ingaruka mbi kuri Amerika n'ibindi bihugu vyo muri Amerika y'ubumanuko kubera igitigiri c'abimukira kigenda ciyongera.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indyane za Venezuela zatumye igitigiri c'abimukira congerekana muri Amerika no mu bindi bihugu vyo muri Amerika y'ubumanuko

Vyumvikana rero ko ari n'ikibazo ca politike yo hanze?

Rouvinski yibaza ko Uburusiya buriko bugerageza guhangana na Amerika mu co bubona "nk'umukino wayo".

Avuga ati: "Ku ncabwenge z'Uburusiya, ingorane ico gihugu gifitaniye n'ibihugu bibanyi nka Ukraine, Georgia n'ibindi bihugu vyahoze bihurikiye mu cahoze ari Leta Zunze Ubumwe z'Abasovieti ni ingaruka z'uruhara rwa Amerika".

Leta y'Uburusiya yamye inegura inyifato ya leta ya Amerika "y'ukwivanga mu biraba Ukraine" hamwe n'irungikwa ry'ingabo za Amerika mu karere ka Baltique mu rwego rwa OTAN.

Kubwa Rouvinski, Uburusiya buriko bugerageza kugira uruhara mu bihugu bufata ko ari "soma mbike na Amerika" - ibihugu vya Amerika y'epfo be na Caraibes.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Juan Guaido atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Maduro yitangaje ko ari we mukuru w'igihugu mfatakibanza wa Venezuela ashigikirwa n'ibihugu bitari bike, harimwo na Amerika

"Leta y'Uburusiya yibaza ko mu gihe yoshobora kubandanya ifise uruhara muri ivyo bihugu, cane cane muri Venezuela na Cuba, ishobora gutuma leta ya Amerika ihindura politike yayo ku biraba imigenderanire Uburusiya bifitaniye n'ibihugu bibanyi".

Dobbins avuga ko Amerika yamye ibona ko ibangamiwe n'uruhara Uburusiya buguma bufise muri ako karere.

"Leta Zunze Ubumwe za Amerika ntizishobora kwemerera igihugu kitari mu burengero bw'isi gukora ibintu nk'ibi muri ako karere. Nico gituma ibihugu bishigikiye Uburusiya vyamye vyikekwa na Amerika".

None ivya Maduro navyo ni ibiki?

Dobbins ati: "Mu gihe yoguma ku butegetsi, Uburusiya buzoba bwerekanye ko bushobora gutuma leta ziguma ku butegetsi nk'uko bwabigize muri Syria".

"Mu gihe Maduro yova ku butegetsi, Amerika nayo izoba yerekanye ko ishobora guhindura ubutegetsi bw'ibihugu, icoboneka ko gishobora kubangamira igihugu c'Uburusiya".

Ibindi kuri iyi nkuru