Isekeza ryo gukangurira abanyagihugu kurwanya icaha c'ihohotera rifatiye ku gitsina
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

DRC: Isekeza ryo gukangurira abanyagihugu kurwanya icaha c'ihohotera rifatiye ku gitsina.

Muri Republika ya Demokarasi ya Congo, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ari mu isekeza ryo gukangurira abanyagihugu kurwanya icaha c'ihohotera rifatiye ku gitsina, mu kujijura abakorerwa ivyo vyaha kuja ahabona bakavuga.

Iri sekeza ririmwo inyigisho zitangwa cane cane ku bakenyezi, hamwe n'abo mu nzego nshingwantwaro zijejwe kubakira iyo bagize ibibazo.

Umwe mu bari muri iryo sekeza, Pauline Uwamariya, asanzwe akuriye 'Fondation Baraza', ihurikiyemwo amwe mu mashirahamwe yo muri Kivu ya ruguru.