Umudereva w’indege muri Myanmar yatuye indege ata mapine y’imbere

Umudereva w'iyo ndege yakejwe kubona yashoboye kuyihagarika neza Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umudereva w'iyo ndege yakejwe kubona yashoboye kuyihagarika neza

Umudereva w'indege mu gihugu ca Myanmar (cahoze citwa Birmaniya) yashoboye guhagarika neza indege inyuma y'aho amapine y'imbere yankiye gusohoka mu gihe yariko agerageza gutura.

Izuru ry'iyo ndege y'ikompanyi Myanmar National Airlines ryarasereretse ku kibuga c'indege c'ahitwa Mandalay imbere y'uko ihagarara.

Umudereva w'iyo ndege Embraer 190 - yakozwe n'ihinguriro ry'indege Embraer ryo mu gihugu ca Brezili - yakejwe kubona yashoboye kuyihagarika neza ata muntu n'umwe agize ababaye mu bantu 89 bose bari muri yo.

Mu bisanzwe iyo indege igomba guhagarara, amapine y'imbere n'inyuma arasohoka kugira ngo ishobore guhagarara neza.

Iyo kompanyi imenyesha ko umudereva w'iyo ndege, Myat Moe Aung, yazungurutse kabiri kose arindiriye ko abajejwe ivy'ukugendesha indege bamubwira nimba amapine yashoboye gusohoka, ariko biranka.

Yamenyesheje kandi ko uyo mudereva amaze kubona ko vyanse, yaciye akoresha inzira zidasanzwe iyo habaye ingorane, akoresha igitoro cinshi kugira ngo ashobore kugabanya uburemere bw'iyo ndege.

Iyo ndege yarerekanywe mw'ireresi ingene yururukiye ku mapine y'inyuma gusa, izuru ryayo naryo ryashitse hasi hasi. Indege yasereretse mu kiringo c'amasegonda 25 imbere y'uko ihagarara.

Umushikiranganji w'ukwunguruza abantu n'ibintu wa Myanmar, Win Khant, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Umudereva yakoze igikorwa kidasanzwe".

Iryo ryari isanganya rigize kabiri mu ndwi imwe muri ico gihugu. Ku munsi wa gatatu, indege y'ikompanyi yo mu gihugu kibanyi ca Bangladesh, Biman Bangladesh Airlines, yaranyereye ku kibuga c'indege c'ahitwa Yangon, abantu 17 bakaba barakomeretse.