Afrika y'epfo igiye kwunguruza ku cemezo umunonotsi Semenya yafatiwe

Caster Semenya yigina intsinzi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Caster Semenya avuga ko atazofata imiti igabanya imisemburo ya kigabo kugira yemererwe kubandanya ahiganwa mu bagore

Afrika y'epfo ivuga ko igiye kwunguruza nyuma y'aho rurangiranwa mu kwiruka, Caster Semenya, atsindiwe mu rubanza ku ngingo imubwiriza gufata imiti igabanya imisemburo ya kigabo.

Ubushikiranganji bujejwe inkino bwariyamirije ingingo ya sentare itatura amatati ajanye n'ivy'inkino, buvuga ko amakuru atangwa n'abahinga mu bumenyi yirengagijwe.

Ubwo bushikiranganji kandi buvuga yuko ukwo kwunguruza kuzokorwa n'urwego rwa Afrika y'epfo rujejwe ivyo kunonora imitsi, ariko urwo rwego ntaco rurabivugako.

Nyuma yo gutsinda isiganwa ryiwe rigira mirongo itatu mu gusiganwa imetero amajana umunani mu ntango za kuno kwezi, Caster Semenya yariyamirije abavuga ko azoca aja mu zabukuru kubera iyo ngingo ya sentare.

Yariyamirije kandi iciyumviro c'uko yofata imiti igabanya imisemburo ya kigabo kugira ashobore kwemererwa kubandanya ahiganwa.

Ibindi kuri iyi nkuru