Leta y’Uburundi itegura gushinga umurwi uzotora abakozi b'amashirahamwe mvamakungu

Inama nshikiranganji ya leta y'u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu Presidence de la Republique du Burundi
Image caption Mu kwezi kw'icenda kw'umwaka uheze wa 2018, leta y'Uburundi yarafashe ingingo yo guhagarika amashirahamwe mvamakungu yose mu kiringo c'amezi atatu

Mu nama nshikiranganji yabaye kw'igenekerezo rya 10 z'uku kwezi kwa gatanu, abashikiranganji ba Leta y'Uburundi baremeje integuro y'itegeko-bwirizwa rishinga umurwi uzoba ujejwe gutora abakozi bakora mu mashirahamwe mpuzamakungu akorera muri ico gihugu.

Ivyo vyamenyeshejwe mw'itangazo ryasohowe umunsi umwe inyuma y'iyo nama yabereye i Gitega, umugwa mukuru wa politike mushasha.

Muri iryo tangazo, leta imenyesha ko "iyo nteguro y'itegeko-bwirizwa yerekana inzira zokurikizwa mu kwinjiza abakozi hisunzwe ubungane mu bwoko n'igitsina nk'uko bitegekanywa n'ibwirizwashingiro ry'Uburundi, mu ntumbero y'ugukosora ubusumbane bwibonekeza".

Iryo tangazo kandi rimenyesha ko "hategekanijwe n'ibihano ku wuzorenga ku biri muri iryo tegeko, haba ku bahiganwa bazoba babeshe ku mwidondoro wabo, canke ku bazoba bagize uwo murwi bazoba batakurikije ivyo bategerezwa gukora".

Mu kwezi kw'icenda kw'umwaka uheze wa 2018, leta y'Uburundi yarafashe ingingo yo guhagarika amashirahamwe mvamakungu yose mu kiringo c'amezi atatu kuva ku wa 01 z'ukwezi kw'icumi gushika ku wa 31 z'ukwa 12.

Ayo mashirahamwe yasabwa kwiyandikisha gushasha kugira ngo yemererwe gusubira gukora, amaze kwiyemeza ko azokurikiza ivyo asabwa.

Nk'uko vyamenyeshejwe mw'itangazo ryasohowe n'Inama nkuru y'umutekano mu Burundi, ari nayo yafashe iyo ngingo kw'igenekerezo rya 27 z'ukwezi kw'icenda 2018, iyo nama yari "yasanze amashirahamwe atisunga amategeko, canke n'inzandiko ziyagenga".

'Amashirahamwe mvamakungu ashira imbere ubushobozi'

Mu vyo yasabwa kugira ngo asubire kwemererwa, harimwo ko atanga urwandiko rwerekana ingene azogenda akosora ubwo busumbasumbane mu kiringo c'imyaka itatu, kugira ngo ibitigiri bisabwa n'ibwirizwashingiro ry'igihugu bizobe vyubahirijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abahutu bategerezwa kungana n'ibice 60 kw'ijana (60%), abatutsi 40 kw'ijana (40%) hamwe n'abagore bategerezwa kuronswa ibibanza 30 kw'ijana (30%)

Ayo mashirahamwe asabwa ko mu bakozi bayo bo mu gihugu hagati, Abahutu bategerezwa kungana n'ibice 60 kw'ijana (60%), abatutsi 40 kw'ijana (40%) hamwe n'abagore bategerezwa kuronswa ibibanza 30 kw'ijana (30%).

Iyo ngingo ntiyakiriwe neza n'ayo mashirahamwe mvamakungu avuga ko yoyo ashira imbere ubushobozi, mu gihe menshi yagirizwa ko aha akazi ubwoko bumwe.

Abanegura iyo ngingo bagiriza ubutegetsi bw'Uburundi ko bushaka gutsimbataza ubutegetsi bushingiye ku bwoko no kubangamira ubwisanzure bw'abantu n'amashirahamwe, ubu bukaba bugeze no ku mashirahamwe mpuzamakungu.

Gushika kw'igenekerezo rya 01 z'ukwa mbere uno mwaka wa 2019, ni ukuvuga inyuma y'ikiringo c'amezi atatu cari categekanijwe, amashirahamwe 84 kuri 132 niyo yari amaze kwemererwa gusubira gukora.

Iyo ngingo kandi yatumye amashirahamwe amwe amwe nka Handicap International, Avocats Sans Frontières, na RCN Justice & Démocratie, afata ingingo yo guhagarika burundu ibikorwa vyayo mu Burundi.

Ivyo ayo mashirahamwe asabwa bitegekanijwe mw'itegeko rishasha ryo ku wa 23 z'ukwezi kwa mbere umwaka wa 2017 ritunganya gushasha ibiraba imigenderanire hagati ya Leta y'Uburundi n'amashirahamwe mvamakungu.

Ibindi bisa n’ibi