Abantu batandatu bishwe mu mishamirano i Khartoum muri Sudani

Abatari bake bakomerekeye muri iyo mishamirano ku mugwa mukuru wa Sudani, Khartoum Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abatari bake bakomerekeye muri iyo mishamirano ku mugwa mukuru wa Sudani, Khartoum

Abantu bashika batanu bari mu myiyerekano muri Sudani be n'umwe mu bajejwe umutekano bishwe, abandi batari bake barakomereka mu mishamirano yadutse ku mugwa mukuru w'ico gihugu, Khartoum.

Abo bantu bishwe barashwe mu gihe abari mu myiyerekano babandanya bugarije ibiro bikuru vya gisirikare basaba ko ubutegetsi bushirwa mu minwe y'abasivire.

Abari mu myiyerekano bagiriza abasirikare ko aribo barashe, ariko igisirikare naco kikagiriza "abantu batamenyekanye".

Igihugu ca Sudani kiracari mu minwe y'akanama ka gisirikare kuva perezida Omar al-Bashir akuwe ku butegtsi mu kwezi guheze kwa kane.

Abari mu myiyerekano baracakoraniye imbere y'ibiro bikuru vya gisirikare kuva kw'igenekerezo rya 06 z'ukwezi kwa kane, inyuma y'iminsi itanu umukuru w'igihugu akuwe ku butegetsi n'igisirikare.

Mu ntango, ibiganiro hagati y'ako kanama ka gisirikare gatwara igihugu n'abarongoye imyiyerekano vyaboneka ko ataco bizovamwo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abari mu myiyerekano babandanya basaba ko ubutegetsi bushirwa mu minwe y'abasivire

Ariko, imbere y'iyo migumuko y'ejo mw'ijoro ryo ku wa mbere, impande zompi zari zamenyesheje ko zari zashize ku masezerano y'ingene leta nshasha yoba imeze.

Umumenyeshamakuru wa BBC, Alastair Leithead avuga ko uko kurasana gushobora kuba kwerekana ukutumvikana kuri mu gisirikare be n'ugushaka kuburizamwo inzira y'amahoro.

Avuga kandi ko abasirikare bakuru bamwe bashobora kuba batishimiye kubona ibiro bikuru vya gisirikare bibandanya vyigarijwe kandi hari vyinshi bikomeye cahevye, ariko abari mu myiyerekano bakumva ko badashobora kuva mw'ibarabara gushika baronse ivyo barondera.

Mu kwezi kw'icumi na kabiri kw'umwaka uheze wa 2018, hatanguye imyiyerekano aho abari muri yo biyamiriza ahanini ingingo ya leta yo kuduza ibiciro vy'ibintu nkenerwa, nk'ibitoro n'umukate.

Iyo myiyerekano yagiye kuvamwo iyo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Bwana Bashir bwari bumaze hafi imyaka 30.

Niyo yatumye kw'igenekerezo rya 11 z'ukwezi kwa kane guheze, igisirikare c'ico gihugu gifata ingingo y'ugutembagaza ubutegetsi bwa Bwana Bashir, ariko gushika ubu imyiyerekano irabandanya, aho abayirimwo basaba abasirikare gushira ubutegetsi mu minwe y'abasivire.

Ibindi bisa n’ibi