Uwahoze ari umurongozi mu mugambwe NRM uri ku butegetsi muri Uganda yakatiwe imyaka 8

Abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi muri Uganda, NRM, mu gikorwa co kwiyamamaza mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abullah Kitatta yari mu barongozi ba NRM ku murwa mukuru Kampala

Sentare muri Uganda yakatiye igipfungo c'imyaka umunani uwahoze ari umurongozi mu mugambwe uri ku butegetsi ku caha co gutunga ibirwanisho hamwe n'amasasu ata ruhusha.

Abdullah Kitatta yaramaze imyaka myinshi ari umunyepolitike akomeye ku murwa mukuru Kampala, aho yari arongoye ishirahamwe ry'abatwara taxi moto.

Iryo shirahamwe ryari rizwi kw'izina rya BodaBoda 2010, ryafatwa nk'umugwi umeze nk'igipolisi kitemewe ukaza urakubita abatavuga rumwe na leta bari mu myiyerekano, harimwo n'abana.

Ariko mu mwaka uheze Bwana Kitatta yaragirijwe ivyaha bijanye no guhohotera ikiremwa muntu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ishirahamwe ryari rirongowe na Bwana Kitatta ryagirizwa gukubita abatavuga rumwe na leta ya Uganda baja mu myiyerekano

Igihe yafatwa, bamusanganye inkoho ikoranywe inzahabu, inkoho ntoyi ya masitori hamwe n'inkoho irasa yungikanya (sub-machine gun mu congereza).

Uwunganira mu mategeko bwa Kitatta yavuze ko uwo ahagarariye azokwunguruza kuri ico gipfungo yakatiwe ngo kuko hari ibikorwa vyinshi yakoreye leta.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru