Ishengero ry'aba Adventiste b’umunsi w’indwi bariyamiriza ipfungwa ry'ababo mu Burundi bagasaba ko barekurwa

Ishengero rya Adventiste mu Burundi rifise abanywanyi bangana n'ibihumbi 186
Image caption Ishengero rya Adventiste mu Burundi rifise abanywanyi bangana n'ibihumbi 186

Umukuru w'ishengero ry'aba Adventiste b'umunsi w'indwi kw'isi, Ted N.C. Wilson, yasohoye itangazo aho asaba abanywanyi baryo gusabira abanywanyi hamwe n'abarongoye iryo shengero 22, baherutse guhagarikwa bagapfungwa n'ubutegetsi bw'Uburundi.

Wilson avuga ko iryo hagarikwa "ryategetswe na leta y'Uburundi inyuma y'amezi atandatu aheze yivanga mu vy'uburongozi" bw'iryo shengero.

Leta y'Uburundi ntaco iratangaza kuri ivyo birego vy'ishengero rya Adventiste.

Muri iryo tangazo yasohoye kw'igenekerezo rya 13 z'uku kwa gatanu, Wilson avuga ati: "Ndasaba aba Adventiste b'umunsi w'indwi bose gusengera abanywanyi bacu i Burundi, ubwigenge bw'ukwemera muri ico gihugu, hamwe n'uko aba Adventiste b'umunsi w'indwi bapfunzwe borekurwa".

Muri abo bapfunzwe harimwo Lamec Barishinga, yari aherutse gutorwa mu kwezi kwa 11 kw'umwaka uheze wa 2018 ngo arongore iryo shengero mu Burundi.

Ariko, ubutegetsi bw'ico gihugu bwaranse kwemera izo mpinduka mu burongozi, maze ibandanya ishigikira uwahoze arongoye iryo shengero.

Ganoune Diop ajejwe imigenderanire n'ubwigenge muvy'ukwemera mw'ishengero Adventiste kw'isi, avuga ati: "Ibintu biragoye kandi birakomeye mu Burundi, kandi bigatumwa n'ibintu vyinshi - bimwe dusanzwe tuzi, n'ibindi tutaratahura neza".

Diop aherutse kugendera Uburundi arongoye umurwi b'abakuru b'iryo shengero kw'isi aho yabonanye n'abategetsi ba leta y'ico gihugu.

Avuga ati: "Ipfungwa riherutse ryarerekanye neza ko leta y'Uburundi yisuka mu biraba ugushinga inzego z'iryo shengero, ivyo navyo bikaba biteye kubiri n'ubwigenge bw'ukwemera".

"Mu mategeko mpuzamakungu, uko ni uguhonyanga ivyo Uburundi bwiyemeje mu vyerekeye ukwubahiriza agateka ka zina muntu".

Ishengero rya Adventiste mu Burundi rifise abanywanyi bangana n'ibihumbi 186.

Pasitori Wilson ariko asaba ko amakungu yomushigikira kugira ngo bashobre gupfunguza abanywanyi b'iryo shengero bapfunzwe, kandi ko uburongozi bwosubira mu minwe y'abatowe ngo barirongore.

Kw'igenekerezo rya 06.11.2018, Pasitori Joseph Ndikubwayo yarabogojwe mu mabanga yo guserukira iryo shengero imbere y'amategeko mu Burundi, asubirizwa na Pasitori Lameck Barishinga, ariko gushika ubu ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu bwaranse kwemera ubwo burongozi bushasha.

Ibindi bisa n’ibi