Abasirikare 17 ba Niger bishwe mu mutego w'abitwaje ibirwanisho

Ico gitero cabereye hafi y'umutumba wa Tongo Tongo uri mu burengero bw'ico gihugu
Image caption Ico gitero cabereye hafi y'umutumba wa Tongo Tongo uri mu burengero bw'ico gihugu

Umuvugizi wa leta ya Niger yabwiye BBC ko abantu bitwaje ibirwanisho muri ico gihugu bishe abasirikare 17 mu mutego bateze hafi y'urubibe ico gihugu gihana na Mali.

Abdourahaman Zakariyyah yavuze ko abasirikare 11 nabo babuzwe irengero inyuma y'ico gitero cabereye hafi y'umutumba wa Tongo Tongo uri mu burengero bw'ico gihugu.

Bwana Zakariyyah amenyesha ko abo basirikare bariko bakurikirana abitwaje ibirwanisho bari bateye ku munsi wa kabiri ibohero risanzwe ricungerewe cane riri ku birometero 50 uvuye ku mugwa mukuru wa Niger, Niamey.

Bwana Zakariyyah yabwiye ikiganiro Focus on Africa ca BBC ati: "Imwe mu modoka za gisirikare yahonyoye ibombe itegwa mu kuzimu hanyuma abo bitwaje ibirwanisho baca batangura kurasa abasirikare bacu".

Ntiyamenyesheje abakoze ico gitero abo ari bo, ariko amenyesha ko cabereye hafi y'ahiciwe abasirikare ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n'abandi ba Niger batanu, haciye imyaka ibiri.

Bwana Zakariyyah amenyesha ko abasirikare bandi batandatu bakomeretse, bakaba baciye banyarukanwa kwa muganga ku mugwa mukuru.

Avuga kandi ko isaka ribandanya, rifashwe mu mugongo n'abasirikare b'abafaransa n'abanyamerika bafise ikirindiro muri ico gihugu ca Niger.

Niger ni kimwe mu bihugu bitanu bigize umurwi w'ingabo wiswe G5 Sahel wo kurwanya imirwi y'abarwanyi igendera ku vyiyumviro bikaze vya ki isilamu mu karere ka Sahel.

Uwo murwi G5 Sahel, ufashwe mu mugongo n'ingabo z'abafaransa zishika ibihumbi bitatu, ukaba urimwo kandi n'ibihugu vya Burkina Faso, Tchad, Mali na Mauritania.

Abarwanyi b'umurwi wegukira Al-Qaeda wiswe "AQIM", uragisibije, aho ubandanya ukora ibitero mu bihugu vyo muri ako karere, cane cane mu gihugu ca Mali.

Ibindi bisa n’ibi