Ubucamanza bw’Uburundi bwafashe amatungo y’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi

Iryo tangazo kandi rimenyesha ko amazu yafashwe y'abasanzwe bapfungiwe mu gihugu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iryo tangazo kandi rimenyesha ko amazu yafashwe y'abasanzwe bapfungiwe mu gihugu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi

Ubucamanza bw'Uburundi bwategetse ko amatungo y'abagirizwa kugira uruhara mw'igerageza ry'ugutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 afatwa akaja mu minwe ya leta agakoreshwa ku nyungu z'igihugu.

Itangazo ryasohowe n'umushikirizamanza mukuru w'igihugu be n'umukuru wa sentare nkuru y'igihugu kuri uyu wa 15 z'uku kwezi kwa gatanu, ryerekana amazina 32 arimwo abanyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi.

Harimwo kandi abaharanira agateka ka muntu, abamenyeshamakuru bamwe bahunze, hamwe n'abari mu nzego z'umutekano, bose bagirizwa kugira uruhara muri iryo tembagaza ry'ubutegetsi ryo ku wa 13 z'ukwa gatanu 2015, amatungo yabo agategerezwa gufatwa.

Iryo tangazo kandi rimenyesha ko amazu yafashwe ari ay'abasanzwe bapfungiwe mu gihugu bagirizwa gutembagaza ubutegetsi.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Dieudonne Bashirahishize, ari ku rutonde rw'abafatiwe umutungo mu Burundi abivugako iki?

Abo nabo ni nka Juvenal Niyungeko, Helmenegile Nimenya, Cyrille Ndayirukiye, Zenon Ndabaneze, Prime Ngowenubusa, Sylvestre Mikokoro, Eric Ntahomvukiye hamwe na Prosper Nkurunziza.

Iryo tangazo ryashizweko umukono n'umushikirizamanza mukuru wa Republika be n'umukuru wa sentare nkuru y'igihugu.

Abatavuga rumwe na leta ngo ntacahindutse

Abicishije ku rubuga rwa Twitter, Pacifique Nininahazwe, umwe mu bavugwa muri iryo tanzazo akaba yari umwe mu bari barongoye iyo myiyerekano, amenyesha ko iyo ngingo ataco izohindura mu rugamba barimwo.

Kuva kw'igenekerezo rya 26 z'ukwezi kwa kane umwaka wa 2015, haradutse imyiyerekano y'ukwiyamiriza ingingo y'umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoza mu kiringo kigira gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imyiyerekano yagiye kuvamwo igerageza ry'ugutembagaza ubutegetsi kw'igenekerezo rya 13 z'ukwa gatanu 2015

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi be n'amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike bavuga ko iyo ngingo yari iteye kubiri n'ibwirizwa shingiro be n'amasezerano y'amahoro ya Arusha yo mu mwaka wa 2000.

Iyo myiyerekano yaranzwe n'imishamirano hagati y'abari muri yo n'igipolisi categetswe kuyihagarika kubera yafatwa nk'imigumuko.

Yagiye kuvamwo igerageza ry'ugutembagaza ubutegetsi kw'igenekerezo rya 13 z'ukwa gatanu uwo mwaka, mu gihe Prezida Nkurunziza yari mu rugendo mu gihugu ca Tanzania.

Jenerali Godefroid Niyombare yari arongoye abagerageje gutembagaza ubutegetsi yarashoboye gutoroka abajejwe umutekano arahunga, ariko bamwe mu bo bari kumwe barafashwe bakaba baherutse gucibwa imanza.

Aho harimwo Cyrille Ndayirukiye yari icegera ciwe muri uwo mugambi.

Ibindi bisa n’ibi