Ubucamanza bwa Uganda buvuga ko abapolisi bamenaguye imodoka ya Bobi Wine bagiye gukurikiranwa

Abajejwe umutekano barahagaritse Bobi Wine bamena idirisha ry'imodoka imbere y'ukuyitera vya vyuka bikoroza amosozi bamukwegera hanze. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abajejwe umutekano barahagaritse Bobi Wine bamena idirisha ry'imodoka imbere y'ukuyitera vya vyuka bikoroza amosozi bamukwegera hanze.

Umuvugizi w'igipolisi ca Uganda avuga ko abapolisi bononye imodoka y'umushingamateka atavuga rumwe n'ubutegetsi, Robert Kyagulanyi batazira Bobi Wine, igihe ahagarikwa ku munsi wa mbere wa Pasika bategerezwa kurengutswa imbere ya sentare y'igipolisi ijejwe inyifato.

Bwana Fred Enanga avuga ko abo bapolisi bagirizwa icaha co gukoresha inguvu zirenze urugero.

Abapolisi b'igisata kijejwe guhagarika imigumuko (FFU) baramenaguye amadirisha y'imodoka y'uwo mushingamateka kw'ibarabara ya Busabala, igihe yariko atera aja ahitwa One Love Beach, aho yari gukorera igiteramo yari yateguye c'umuziki wiwe yise Kyarenga Extra, caje kubuzwa n'abajejwe umutekano.

Abajejwe umutekano barahagaritse uyo muririmvyi w'umuziki yahindutse umunyepolitike, bamena idirisha rimwe ry'imodoka imbere y'ukuyiteramwo vya vyuka bikoroza amosozi, nawe bamukwegera hanze.

Inyuma y'aho umukuru w'igipolisi Okoth Ochola aburije ico giteramo ca Bobi Wine, abapolisi baciye bamusubiza inyuma gushika ku muhana iwe ahitwa Magere, Kasangati mu karere ka Wakiso.

Mw'ijambo aherutse gushikiriza, umukuru w'igihugu ca Uganda Yoweri Museveni, yariyamirije ivyashikiye uyo mushingamateka, akavuga ko igipolisi cari gutegerezwa gukwega iyo modoka yiwe gushika aho ari ho hose cipfuza kuyitwara.

Mw'iryo jambo yashikirije kw'igenekerezo rya 4 z'uku kwezi kwa gatanu, Bwana Museveni yavuze ati: "Sinemera kandi inzira yakoreshejwe n'igipolisi y'ukumenagura ibiyo vy'imodoka ya Bobi Wine. Bari gupfuma bakwega imodoka yiwe bakayitwara aho ari ho hose bashaka kumutwara".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Museveni avuga ko atemera ingingo y'igipolisi y'ukumenagura ibiyo vy'imodoka ya Bobi Wine

Ivyo vyatumye igisata kijejwe ubuhinga mu gipolisi ca Uganda, PSU, gifata ingingo y'ukwihweza amareresi yafashwe muri uwo mwanya kugira ngo gishengeze abo bapolisi imbere ya sentare y'igipolisi ijejwe inyifato, kugira bisigure ku birego vyo gukoresha inguvu zirenze urugero.

Ugukoresha inguvu zirenze urugero guteye kubiri n'itegeko rigenga igipolisi muri Uganda. Iyo umupolisi yagiriwe n'ico caha, arirukanwa mu kazi canke akagabishwa bikomeye.

Bwana Enanga, avuga ko badashobora gufata minenerwe ijambo ry'umukuru w'igihugu, kuko niwe mugaba w'ingabo. Avuga ko bazokwisunga amategeko ngengarugo y'igipolisi mu kwihweza ivyashikirijwe n'umukuru w'igihugu, hanyuma bafate ingingo.

Sibwo bwa mbere abapolisi bamenaguye imodoka y'umunyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi canke kigakoresha inguvu zirenze urugero iyo bafashe uyo munyepolitike.

Si bwo bwa mbere kandi abanyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi muri Uganda bahohoterwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Mu matora y'umushingamateka wo mu karere ka Arua mu kwezi kw'umunani umwaka uheze wa 2018, Bobi Wine yarakubaguwe yongera arasinzikarizwa ubuzima n'abasirikare ba Uganda. Umudereva wiwe, Yasin Kawuma, yararashwe arapfa.

N'aho Bobi Wine yababarijwe igufa akaja kwivuriza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nta n'umwe mu bajejwe umutekano yigeze afatwa kuri ico caha.

Mu mwaka wa 2011 mu gihe haba imyiyerekano bise Walk to Work yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye muri ico gihugu, imodoka y'umunyepolitike Kizza Besigye yahoze arongoye umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, FDC, yaramenaguwe n'igipolisi, kinamusuka ipiripiri mu maso.

Kizza Besigye yaciye anyarukanwa kwa muganga, mu nyuma atwarwa n'indege mu gisagara ca Nairobi muri Kenya kuvurirwayo.

Ico kibi cariyamirijwe mu gihugu no mu makungu, ariko nta n'umwe mu bajejwe umutekano babikoze yigeze ahanwa, n'inyuma y'aho ireresi yerekana amabi yakorewe ihanahaniwe ku mbuga hwaniro.

Ibindi bisa n’ibi