Ibintu bitanu bituma akarere k’uburengerazuba gatinya Huawei

Huawei Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikompanyi Huawei yo mu Bushinwa ni imwe mu makompanyi akomeye kw'isi

Ikompanyi Google itanga ubuhinga bukoreshwa kuri telefone ngendanwa yabujije ikompanyi Huawei igira kabiri kw'isi mu vy'amatelefone ngendanwa, gukoresha ubuhinga bwa Android - bigasigura ko amatelefone mashasha ya Huawei atazoronka ivyifashishwa muri telefone (applications) bimwe vyatangwa na Google.

Ivyo bikurikiye ingingo y'umukuru w'igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yo gushinga amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu ndwi iheze, mu ntumbero y'ugukingira inyabwonko za Amerika "abanyamahanga bahanganye", ingingo abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko iraba cane cane iyo kompanyi yo mu gihugu c'Ubushinwa.

Huawei ishobora kuba izwi cane kuvy'amatelefone ngendanwa yayo, ariko irakora kandi n'ibindi bikoresho bikoreshwa mu mpisho mu buryo bwo gutumatumanako amakuru.

N'aho iyo kompanyi yabujijwe gusubira gushorera muri Amerika, abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ishobora kubandanya yiganziye ibice biri hagati ya 40 na 60 kw'ijana vy'itumatumanako ry'amakuru kw'isi.

Huawei niyo ifise isoko rinini

Uko isoko rigabuye mu bahingura telefone ngendanwa n'ivyo zikoresha mu 2018 (%)

Bitangwa na: IHS Markit

Kubera iki ibihugu bitinya?

Ni ibirego vyinshi harimwo n'ivy'ibigo bijejwe kugendereza, ivyerekeye ubusuma bw'amaboko y'ibi robot, ivyerekeye ibiyo bisa n'ibitameneka bikingiwe n'ikiyo gikozwe mu butare bwa diamond, hamwe n'amasezerano yo mu mpisho n'igihugu ca Irani.

Telefone za 5G: zinyaruka birenze urugero ariko atari uko umutekano wazo ari ikirenga?

Huawei iri mu biganiro n'ibihugu kw'isi kugira ngo ishobore kubiha umuhora wa 5G ukoreshwa n'izo telefone.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Ubwo buhinga bwa 5G buzoba bunyaruka cane kandi bushobora no gukoreshwa mu bindi bisata

Ubwo buhinga buzoba bunyaruka cane kandi bushobora no gukoreshwa mu bundi buhinga bushasha, nk'ubw'amamodoka atagendeshwa n'umushoferi.

Mu gihe igihugu cogendera kuri ubwo buhinga bwa 5G bwa Huawei, abakeba b'Ubushinwa bavuga ko bushobora gusoma ubutumwa burungikwa muri ubwo buhinga bw'itumatumanako ry'amakuru, canke ikabwugara, ivyotera ingorane zikomeye.

N'imbere y'uko Prezida Trump asohora itegeko riheruka, Amerika yari yafashe iya mbere mu gusaba ko ibihugu bigenzi vyo mu burengero biheba gukorana n'iyo kompanyi y'Ubushinwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amerika ivuga ko itazosubira gukorana n'igihugu coramuka gikoresheje ubwo buhinga

Umunyamabanga wa leta wa Amerika, Mike Pompeo, avuga ati: "Mu gihe hogira igihugu gikoresha ubwo buhinga mu vyo gutumatumanako amakuru, ntituzoshobora guhanahana amakuru naco".

Ku ruhande rwayo, Huawei ibandanya ihakana ko idashobora gukora nk'umugenderezi wa leta y'Ubushinwa, ariko abayinegura barerekana ingene amatekego y'Ubushinwa ategeka amakompanyi ko ategerezwa gufasha mu bikorwa vy'igendereza.

Iragabisha kandi ko iyo ngingo ya Amerika ishobora gutuma ico gihugu gisanga kigiye guhitamwo uburyo butagezweho kandi buzimvye, kikisanga mbere kiri inyuma mw'ikoreshwa rya 5G, ivyotuma inyungu z'amakompanyi ya Amerika n'abanyagihugu bayo zibangamirwa.

Ubwoba bwa Amerika bushobora kuba buva ahanini ku ngendo yayo bwite.

Edward Snowden yigeze gukorana n'ikigo kijejwe umutekano wa Amerika, NSA, amenyesha ko haciye imyaka itari mike ibigo bijejwe igendereza muri Amerika vyinjiriye (pirater) amakompanyi yo muri ico gihugu akomeye y'itumatumanako ry'amakuru, cane cane Google na Yahoo, biranagerageza gusambura ubuhinga bwayo bwo kunyegeza (cryptage).

Biroroshe rero kubona leta yinuba ikompanyi yindi iri mu gihugu c'abakeba.

Ubusuma bw'ukuboko kwa "robot"?

Mu gihe ingorane muvyo ubuhinga bw'ugutumatumanako amakuru mu buryo bunyaruka zoba zigoye gutahura, kimwe muvyo Huawei yagirizwa cumvikana cane ni ubusuma bw'akaboko ka robot bwagirizwa umwe mu bakozi bayo.

Uyo mukozi wewe yisigura avuga ko ako kaboko gakoreshwa mu gupima ubukomezi bw'ikiyo kakorokeye mu mufuko mu gihe yari asohotse avuye mw'ihinguriro rya Amerika rikora amatelefone bita T-Mobile, rikukira ikompanyi y'Ubudagi, Deutsche Telekom.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption T-Mobile yagiriza Huawei ko yayivye ubuhingwa bwayo

Inyuma y'aho izo mpande zompi zitoreye inyishu y'ico kibazo biciye mu mwumvikano, casubiye kuvyuka inyuma y'aho habonekeye amakuru avuga ko uyo mukozi yabigize n'ibigirankana, kandi ko yoba yari yatumwe n'abamurongoye mu Bushinwa.

Ico ni kimwe mu vyatumye mbere uwujejwe ikigega wa Huawei - Meng Wanzhou - ahagarikwa mu mwaka uheze wa 2018 mu gihugu ca Canada, ku mutahe udasanzwe wari wasohowe na Amerika.

Imigenderanire n'igihugu ca Irani itemewe?

Umupfasoni Meng ari mu rugamba rwo guhagarika ingingo y'ugushaka kumutwara muri Amerika kubera ivyo yagirizwa, hamwe n'ibindi vyagiriji vy'uko Huawei ikorana na Irani.

Yagirizwa kuba yari mu mugambi w'ukuzunguruka Amerika ku bihano yafatiye Irani, umugambi wari guca mw'ikompanyi yitwa Skycom.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amerika yafatiye ibihano igihugu ca Irani harimwo n'ibiraba igurishwa ry'igitoro

Kimwe muvyo Meng yagirizwa ni uko yabeshe amabanki na leta ya Amerika ku biraba imigenderanire mu vy'ubudandaji na Irani.

Umupfasoni Meng - akaba ari umukobwa w'uwatanguje ikompanyi Huawei ahakana ivyo yagirizwa - ashobora gupfungwa imyaka ishika 30 mu gihe yotwarwa muri Amerika icaka kikamuhama.

Ibiyo bimeneka n'ukudashira mu ngiro ivyo yiyemeje?

Ingorane za Huawei muri Amerika zirabandanya

Kubw'ikimenyeshamakuru Bloomberg, ikigo c'igendereza ca Amerika, FBI, kiriko gikora amatohoza kuri iyo kompanyi ikora amatelefone yagirizwa kuhonyanga amasezerano mpuzamakungu agenga igurishwa ry'ibirwanisho (ITAR), inyuma y'aho ikoreshereje ubutare bwa diamand mu kugerageza gukora ibiyo bisa n'ibitameneka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Telefone yoba ifise ikiyo kitameneka yoba ari ubutunzi budasanzwe kw'ihinguriro iryo ari ryo ryose ry'amatelefone

Nimba umaze guta hasi telefone yawe, uramaze kubona ingene vyoroshe kumena ikiyo, n'ingene kugikoresha bizimvye.

Telefone yoba ifise ikiyo kitameneka yoba ari ubutunzi budasanzwe kw'ihinguriro iryo ari ryo ryose ry'amatelefone.

Huawei yagiriraniye amasezerano n'ikompanyi Akhan Semiconductor yo muri Amerika ko yoronswa iyo telefone igezweho, ifise ikiyo kitameneka gikozwe muri diamand.

Ariko ikinyamakuru Bloomberg kimenyesha ko iyo telefone yasubijwe haciye amezi makeya yaramenaguritse cane.

Huawei yagirizwa ko yoba yarivye ubutare bwa Diamand muri Amerika ifise intumbero yo kubwihweza - ibiteye kubiri n'amategeko. Huawei iriyamiriza ivyo birego.

Ariko rero si ukuvuga ko ivyayo bihereye aho

N'aho yagirizwa ivyo vyose, Huawei iguma ifise igihagararo kinini kw'isi n'aho Google na Prezida Trump baherutse kuyifatira ingingo.

Urudandaza rwa Huawei rwaragutse ku migabane yose

Umwimbu ku karere mu mamiriyaridi y'amadorari ya Amerika

EMEA: Uburaya, Uburasirazuba bwo hagati, Afrika
Bitangwa na: Huawei

Mu bihugu vyinshi, cane cane vya Afrika na Aziya, igiciro kigereranye c'amatelefone yayo ugereranije n'ic'amatelefone y'i Bulaya gituma iyo kompanyi ibandanya yiganzira amasoko mpuzamakungu.

Eka no mu gihugu c'Ubwongereza, kimwe mu bihugu bigenzi cane vya Amerika, impari zirabandanya kw'ikoreshwa ry'ubuhinga bwa Huawei mu gutunganya ivyo gutumatumanako amakuru hakoreshejwe ubuhinga bwa 5G butangwa na Huawei.