Umushingamateka wo muri Amerika 'yakubise umugore wiwe kubera yatebeje gukura impuzu'

Doug McLeod Uwufise ububasha kw’isanamu George County Police/Mississippi House
Image caption Doug McLeod yarekuwe atanze ingwati y'amadolari y'amanyamerika igihumbi

Umushingamateka wo mu ntara ya Mississippi yarapfunzwe yagirizwa guhohotera umugore wiwe bivuye ku kaborerwe, kubera yatebeje gukura impuzu ngo barangure amabanga y'abubatse.

Doug McLeod w'imyaka 58 y'amavuko yarahagaritswe mw'ijoro ryo ku wa gatandatu mu karere ka George yagirizwa ihohotera ryo mu rugo (domestic violence).

Yagirizwa ko yamukubise mu maso bituma ava umwuna, amuhora ko yatebeje gukura impuzu.

Igipolisi kimenyesha ko casanze amaraso hasi mu cumba c'abo bantu.

Uyo mugore yoba yabwiye abapolisi ko ata rusehabaniha yabona ko akeneye, kuko yabona ko umukobwa wiwe yashobora kumushikana kwa muganga.

Ikinyamakuru Sun Herald kivuga ko icegeranyo cashizwe ahabona cerekana ko igihe igipolisi gishika ku muhana iwe uri ahitwa Lucedale, casanze Bwana McLeod yaborewe afise n'inzoga mu minwe.

Kubw'ikinyamakuru Clarion Ledger co muri iyo ntara ya Mississippi, abapolisi bavuga ko basanze umugore wa McLeod be n'uwundi mugore yari mu nzu yabo batekewe n'ubwoba.

Uyo mugore wundi yabwiye igipolisi ko umugore wa Bwana McLeod yahungiye mu cumba ciwe yuzuye amaraso mu maso.

Baciye bugara umuryango hanyuma Bwana McLeod aguma akubita ku muryango, ababwira ko ashobora "kwica imbwa yiwe" mu gihe batomwugururira.

Umugore wa Bwana McLeod avuga ko umugabo wiwe yari yarengeje urugero - kandi yo yari amaze gukora ikintu nk'ico kubera akaborerwe.

Amaze kubwirwa ko igipolisi camaze kuronka inkuru y'ihohotera ryo mu rugo, yavuze ati: "Muriko murankinisha?".

Bwana McLeod, se w'abana batatu, ntiyashimye kwishura BBC yari imubajije ico avuga kuri ivyo yagirizwa.

"Asabwa gutanga imihoho"

Bwana McLeod yarekuwe atanze ingwati y'amadolari y'amanyamerika igihumbi.

Abashingamateka bagenziwe bo mu mugambwe w'abarepublika muri iyo ntara bavuga ko Bwana McLeod akwiye gutanga imihoho ubwo nyene mu gihe ivyo yagirizwa vyoba ari vyo.

Umukuru w'inama nshingamateka ya Mississippi, Philip Gunn, avuga ko yagerageje guhamagara Bwana McLeod ngo bavugane ivyo gutanga imihoho mu gihe ivyo yagirizwa vyoba ari vyo.

Avuga ko ivyo yakoze "ata muntu n'umwe yovyemera".

Ibiro vy'umukuru w'iyo ntara, Phil Bryant, vyasohoye itangazo, aho bimenyesha ko "ibikorwa vy'ihohotera ivy'ari vyo vyose bihanwa".

Umuvugizi wa Bwana Bryant yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press, ko mu gihe ivyo yagirizwa vyoboneka ko ari ukuri, uyo mukuru w'intara yoca yifatanya n'abandi basaba ko yotanga imihoho.

David Blount, umusenateri wo mu mugambwe w'aba democrate, nawe nyene asaba ko uyo mushingamateka yotanga imihoho.

Bwana McLeod asanzwe afise ihinguriro ry'amapine, ni umushingamatekla w'intara ya Mississippi kuva mu mwaka wa 2012, kandi biboneka ko ashobora kwongera gutorwa n'aho ubu ata wundi bahiganwa.

Urunani rwishinze kurwanya ihohotera ryo mu rugo (National Coalition Against Domestic Violence), rumenyesha ko umukenyezi umwe kuri batatu muri Amerika basinzikarizwa ubuzima n'abo bubakanye.

Icegeranyo c'urwo rurani co mu mwaka wa 2014 muri iyo ntara ya Mississippi rwerekana ko baronka hafi amatelefone indwi kw'isaha avuga ivy'ihohotera ryo mu rugo muri iyo ntara.