Inama ya gisirikare irongoye Sudani vy'imfatakibanza yagenye uwundi mu jejerali mushasha

Abari mu myiyerekano basaba igisirikare basaba ko kirekura ubutegetsi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abari mu myiyerekano basaba igisirikare basaba ko kirekura ubutegetsi

Ikinyamakuru ca leta ya Sudani, Suna , kimenyesha ko Inama ya gisirikare irongoye vy'imfatakibanza ico gihugu yagenye Jenerali majoro Jamal al-Din Omar Ibrahim ngo abe mu bagize iyo nama, inyuma y'aho Mustafa Mohamed Mustafa atangiye imihoho.

Ibrahim yaciye kandi agenwa kurongora igisata kijejwe igendereza mu gisirikare.

Yarahiye ejo ku munsi wa kane imbere ya Abdel Fattah al-Burhan, umukuru w'inama ya gisirikare, be n'icegera ciwe Mohamed Hamdan Dagalo.

Liyetena Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo yafashe akanya ko kumenyesha ko ari nkenerwa ko ubutunzi bw'igihugu bunagurwa kandi ko ubusumbasumbane hagati y'abanyagihugu buvanwaho.

Mu gihe yagiriza abatavuga rumwe n'ubutegetsi ko aribo batumye ibiganiro vy'ugushinga inama nkuru y'igihugu bihagarara, Bwana Dagalo amenyesha ko igisirikare "arico nkingi y'abanyagihugu gushika habaye amatora mu bwisanzure atagira akanenge, gutyo tugasubira mu makambi yacu".

Ikinyamakuru Suna kimenyesha ko Bwana Mustafa yatanze imihoho ku munsi wa gatatu kubera ibibazo vy'amagara.

Mu kwezi kwa kane guheze, abajenerali batatu baratanze imihoho inyuma y'aho abari mu myiyerekano babagirije ko bafitaniye ubucuti bwa hafi na Omar al-Bashir yari aherutse gukurwa ku butegetsi.

Hagati aho, igikomangoma Mohammed Bin Salman wo mu gihugu ca Arabia Saoudite yabonanye na Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, icegera c'umukuru w'inama ya gisirikare irongoye Sudani vy'imfatakibanza.

Nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya leta ya Arabia Saoudite (Saudi Press Agency), uwo mubonano wibanze "ku gufashanya hagati y'ivyo bihugu vyompi".

Ibihugu vya Arabia Saoudite na Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu ( Emirats Arabes Unis) zaremereye igihugu ca Sudani imiliyaridi 3 z'amadolari, zo gufasha inama ya gisirikare yakuye ku butegetsi Omar al-Bashir ku wa 11 z'ukwezi kwa kane uno mwaka wa 2019.

Ibindi bisa n’ibi