ONU irashimira ingabo z'Uburundi n’u Rwanda mu bikorwa vy'ukugarukana amahoro kw'isi

António Guterres avuga ko ingabo za ONU zarungitswe mu burere bumwe bugoye cane kugira bakingire abanyagihugu bamerewe nabi cane kw'isi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption António Guterres avuga ko ingabo za ONU zarungitswe mu burere bumwe bugoye cane kugira bakingire abanyagihugu bamerewe nabi cane kw'isi

Abasirikare babiri b'Abarundi n'Abanyarwanda batatu baguye ku rugamba mu bikorwa vy'ukugarukana amahoro kw'isi bari muri 119 uyu munsi bahabwa agashimwe mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abatumwe kugarukana amahoro kw'isi.

Abarundi Leonidas Nimubona na Albert Ndikumana, be n'Abanyarwanda Richard Ntambara, John Bosco Hategekimana na Felicien Rutegera bahoze mu ngabo za ONU baguye muri Centrafrique na Sudan, imiryango yabo niyo iza kuronswa iyo midari yitiriwe Dag Hammarskjöld.

Muri izo ngabo zihabwa agashimwe kuri uyu wa 24 zukwa gatanu k'abaguye ku rugamba bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro kw'isi harimwo kandi abanya Guinee batatu n'abanyakameruni batatu.

Mw'itangazo ryasohowe muri iyo ntumbero, umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres, avuga ati: "Turashimiye bivuye ku mutima abantu barenga ibihumbi 100 bagizwe n'abasivire, abasirikare n'abapolisi bakwiragiye kw'isi mu bikorwa vy'ukugarukana amahoro, be n'ibihugu vyabatanze".

Avuga ko izo ngabo " zarungitswe mu burere harimwo bumwe bugoye cane, mu ntumbero y'ugukingira abanyagihugu bamerewe nabi cane kw'isi".

Igihugu c'u Rwanda kigira kabiri mu bihugu bifise ingabo nyinshi muri ibi bikogwa, gifise izirenga 6.500 zarungitswe muri Sudani, Centrafrique be na Sudani y'Epfo.

Uburundi busifse abasirikare 800 barungitswe muri Sudani, Centrafrique, Mali na Yemeni. Ni ica 30 ku rutonde rw'ibihugu bifise ingabo nyinshi muri ivyo bikorwa.

Ahari benshi niho hari ibibazo?

Muri iki gihe ishirahamwe mpuzamakungu rifise ibikorwa (missions) 14 vy'ubutumwa bwo kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye kw'isi, indwi muri iyo biri muri Afurika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uburundi busifse abasirikare 800 barungitswe muri Sudani, Centrafrique, Mali na Yemeni

Kw' isi yose, mu buseruko bwa Kongo Kinshasa niho hari ingabo nyinshi mu rwego rwa MONUSCO zarungitswe na ONU kugarukana amahoro.

Mu bihugu birimwo ubu butumwa bunini niho hari ibibazo vy'amahoro n'umutekano bimaze igihe kinini.

Ahari benshi kw' isi muri Kongo hariyo abarenga ibihumbi 20, muri Sudan y'Epfo barenga ibihumbi 19, muri Mali barenga ibihumbi 16, Centrafrique barenga ibihumbi 15. Utu ni uduce tumaze igihe 'tudafise amahoro'.

Umwaka uheze, ishirahamwe mpuzamakungu ryemeje amahera angana n'imiliyaridi 6,6 z'amadorari y'Amerika yo gukoresha muri ibi bikorwa muri uyu mwaka (2018- 19).

ONU ivuga ko kuva mu kwezi kw'indwi kw'umwaka wa 2018 gushika mu kwa gatandatu 2019, MONUSCO yonyene izokoresha imiliyaridi 1,19 z'amadorari.