Ikigo kijejwe indege ca Amerika kivuga ko kiriko gikora ibishoboka ngo indege za Boeing 737 Max zikore ata ngorane

Indege ya Boeing 737 Max 8 ya kompanyi Ethiopian Airlines yakoze impanuka haciye akanya gato ihagurutse
Image caption Indege ya Boeing 737 Max 8 ya kompanyi Ethiopian Airlines yakoze impanuka haciye akanya gato ihagurutse

Abajejwe ivy'indege muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barishigikira ku ngendo bafashe inyuma y'amasanganya abiri y'indege Boeing 737 Max yahitanye ubuzima bw'abantu 346.

Ubuyobozi bw'ikigo kijejwe ingendo z'indege muri Amerika, (Federal Aviation Administration, FAA), bwabwiye BBC ko butari bufise inkuru zihagije zari gutuma buhagarika indege Boeing 737 Max inyuma y'isanganya rya mbere rya kompanyi Lion Air yo muri Indonesia.

Indege Boeing 737 Max 8 y'ikompanyi Ethiopian Airlines yarakorotse mu kwezi kwa gatatu ihitana ubuzima bw'abantu 157 bose bari muri yo.

Hari haciye amezi atanu gusa iyindi ndege y'ubwoko bwa 737 Max ya kompanyi ya Lion Air muri Indonesia ihitanye abantu 189.

Inyuma y'ayo masanganya abiri, Boeing yaciye ihagarika mu kwezi kwa gatatu ingendo zose z'indege 737 Max.

Abayobozi b'ibigo bijejwe ingendo z'indege bakomoka mu gihugu 33 bakoraniye mu ntara ya Texas muri Amerika kuva ejo ku wa kane kugira bihweze ingene izo ndege zahagaritswe zokwemererwa gusubira kuguruka.

Dan Elwell, arongoye FAA vy'imfatakibanza yabwiye BBC ati: "Ndizeye ko dukoreye hamwe tuzotora umuti kugira ngo indege za Boeing 737 zizoguruke gusumba izindi zose ata ngorane".

Ikigo FAA kimenyesha ko kibandanya gikora ibishoboka vyose kugira ngo ingendo z'ingede 737 Max "zibe mu mutekano ushoboka".

Mu gihe FAA iri mu nama n'abayobozi b'ibigo bijejwe ingendo z'indege i Texas, inshirahamwe mpuzamakungu rijejwe ukwunguruza abantu mu ndege (IATA) naryo riri mu mubonano i Motreal muri Canada n'amashirahamwe yose yo kw'isi akoresha indege za Boeing 737 Max.

Imbere y'aho, amakompanyi y'indege yo muri Amerika, American Airlines, United Airlines na Southwest Airlines, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko, mu gihe iyo ngingo yo kuzihagarika yokurwaho, vyofata amasaha hagati ya 100 na 150 y'ukwitegura kugira ngo indege za 737 Max zahagaritswe zisubire gukora.

Boeing iherutse gutangaza impinduka yakoze ku vyuma vyo kugenzura indege, bivugwa ko bifitaniye isano n'izo mpanuka zibiri z'indege zabaye mu kiringo c'amezi atanu gusa.

Hagati aho, ikigo FAA ntikimenyesha igihe izo ndege za Boeing 737 Max zizosubira gukora.

Bwana Elwell avuga ati "nimba bizofata umwaka wose kugira ngo ingingo ihinduke ni bibe uko nyene".