Muri Gabon hatanguye itohoza ku vyagiriji vyo guhohotera abakinyi b'umupira w'amaguru b'abagore

Ivyagiriji vyo guhohotera abagore bakinira ikipe ya Gabon vyatanguye kuvugwa n'umunyamakuru Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyagiriji vyo guhohotera abagore bakinira ikipe ya Gabon vyatanguye kuvugwa n'umunyamakuru

Hatangujwe itohoza muri Gabon ku vyagiriji vy'uko abagore bakinira ikipe nserukiragihugu y'umupira w'amaguru boba barahohotewe mu gusambanywa ku nguvu.

Abo bagore ngo boba barasambanijwe n'abarongozi b'umupira w'amaguru bo muri Gabon igihe bari bagiye gukina mu Bufaransa.

Ivyo vyagiriji vyatanguye kumenyekanishwa n'umunyamakuru, aho yavuga ko bamwe muri abo bakinyi bafashwe ku nguvu n'abayobozi ba Gabon.

Yashize hanze ifoto yerekana abo bakinyi barundaniye mu cumba c'ihoteri, bamaze kwakwa ibitabo vy'inzira hamwe na telefone ngendanwa zabo.

Uwo munyamakuru yanavuze ko abo bakinyi bakirindiri guhembwa.

Umushikiranganji wa Gabon ajejwe inkino yavuze ko ivyo vyagiriji bikomeye cane akaba ari co catumye asaba umugenzacaha wa republika gutanguza itohoza.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Gabon ryiyamirije ivyo ryise ivyagiriji vyo kwigenza nabi bifatiye ku gitsina hagati y'abakinyi hamwe n'abakozi b'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru, ariko ntiyigeze avuga ivyo guhohotera bifatiye ku gitsina.

Ibindi kuri iyi nkuru