Uganda yashikirije abarongozi b'u Rwanda ikiziga c'umunyarwanda yishwe mu mpera z'indwi

Ba Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveni barafashanije gushika ku butegetsi ariko ubu ntibacana uwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ba Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveni barafashanije gushika ku butegetsi ariko ubu ntibacana uwaka

Imbere y'abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Uganda yahaye abajejwe intwaro b'u Rwanda ikiziga c'umugabo w'imyaka mirongo ibiri n'itanu.

Urupfu rwiwe ntiruvugwako rumwe kandi rwateje ikibazo mu mubano w'ibi bihugu vy'ibituranyi wari usanzwe utameze neza.

Uganda ivuga ko yishwe n'abasirikare b'u Rwanda ari ku butaka bwa Uganda.

Leta y'u Rwanda ivuga ko yariko aragerageza kujabukana ibintu mu buryo bw'amagendo, ateza ibibazo agiye gufatwa ngo kandi yarasiwe ku butaka bw'u Rwanda.

Leta ya Kigali yanavuze yuko abasirikare ba Uganda banyuruje abanyarwanda babiri bari bagiye gutembera muri Uganda ku wa Mungu.

Abakuru b'ibihugu vyombi - Paul Kagame na Yoweri Museveni - barafashanije gushika ku butegetsi igihe bari abakuru b'imigwi y'abarwanyi.

Ariko abamenyeshamakuru bavuga ko ivyo bihugu vyombi ubu vyagirizanya kubangamira umutekano wavyo.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru