Abarenga ibihumbi 800 nibo bazoronswa urucanco rwa korera muri Kongo

Iyo korera itavuwe hakiri kare, umurwayi arashobora gupfa mu masaha makeya
Image caption Iyo korera itavuwe hakiri kare, umurwayi arashobora gupfa mu masaha makeya

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo bwatanguje isekeza ry'ugutanga urucanco rw'indwara ya korera ku bantu barenga ibihumbi 800 mu ntara ya Kivu y'uburaruko mu buseruko bw'ico gihugu.

Ni inyuma y'aho abantu barenga ibihumbi 10 bamenyekaniye ko banduye iyo ndwara kuva mu kwezi kwa mbere uno mwaka, abashika 240 bakaba baritavye Imana.

Uturere twa Binza, Goma, Kayina, Karisimbi, Kibirizi, Kirotshe na Rutshuru twabonetsemwo abarwayi benshi nitwo tugiye guhabwa incanco zibiri za mbere muri iryo sekeza rifashwe mu mugongo n'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ibiza vy'agasama na korera bihitana ubuzima bw'abantu ibihumbi n'ibihumbi mu gihugu.

Ni mu gihe kandi n'ikiza ca Ebola kibandanya ciha inkumbi muri ako karere k'ubuseruko bwa Kongo.

Isekeza rigira kabiri rizoba mu nyuma kugira ngo bakinge burundu iyo ndwara.

Muganga Deo Nshimirimana aserukira vy'imfatakibanza ishirahamwe OMS avuga ko iryo shirahamwe ririko rikorana n'abategetsi bo hasi n'abo mu ntara, be n'abandi bose bafise uruhara, kugira ngo abategerezwa gucandagwa bacandagwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umurwayi wa Korera mu bitaro vya Goma mu 2008

Avuga ati: "Korera ni indwara ishobora gukingwa. Gucandaga abantu babangamiwe mu turere tubangamiwe muri Kivu y'uburaruko ni intererano ikomeye izofasha gukingira abantu ibihumbi amajana kugira bagire amagara meza".

Korera ni indwara ituma umurwayi atakaza amazi menshi kubera ugucibwamwo.

Iyo umuntu yanduye umugera wa korera mu mfungurwa canke mu mazi, birafata hagati y'amasaha 12 n'iminsi itanu kugira ngo yibonekeze.

Mu gihe iyo ndwara itavuwe hakiri kare, umurwayi arashobora gupfa mu masaha makeya.

Irwiriye mu duce turimwo isuku rike, mu turere turwiriyemwo indyane n'inzara.