Kongo yabujije ubwato bushaje gukorera mu kiyaga Mai-Ndombe nyuma y'urupfu rw'abantu 45

Abantu bumiwe mu gihe ibikorwa vyo gutabara bibandanya ku kiyaga Mai-Ndombe muri Kongo Uwufise ububasha kw’isanamu Blaise Mabala
Image caption Abantu bumiwe mu gihe ibikorwa vyo gutabara bibandanya ku kiyaga Mai-Ndombe

Abajejwe intwaro muri Republika ya Demokrasi ya Kongo babujije ubwato bwose bw'imgaho burenza imyaka 5 gukorera mu kiyaga Mai-Ndombe, nyuma y'impanuka yahitanye 45 nayo abashika 200 baburirwa irengero.

Umukuru w'intara iyo mpanuka yabereyemwo, Antoine Masamba, yavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abantu barenga 400, amakuru akavuga ko ingezi zishika 200 zitaraboneka.

Benshi mu bari muri ubwo bwato bari abarimu bari bagiye gutora umushahara wabo, nk'uko umwe mu barongozi b'akarere yabibwiye BBC.

Yavuze kandi ko abana 11 bari muri abo bahasize ubuzima igihe ubwo bwato bushaje kandi bupakiye vy'ikirenga bwarohama mu mikuba ikomeye.

Ubwo bwato bwari mu rugendo buja Boliangwa, bwarohamye kuwa gatandatu ku mugoroba buri nko ku birometero 30 uvuye mu muji wa Inongo, aho bwaje buturuka, ukaba ari n'umurwa mukuru w'intara ya Mai-Ndombe.

Abajejwe intwaro bagabisha ko igikorwa co kurondera no gutabara gishobora kumara hagati y'indwi zibiri na zitatu.

Umunyamakuru wa BBC Gaius Kowene ari ku murwa mukuru Kinshasa, avuga ko impanuka z'ubwato zishika kenshi muri Kongo kubera kubupakira cane hamwe no kutabwitaho bikwiye.

Kongo, ifise ubunini bungana n'akarere kose k'uburengero bw'Uburaya, ifise amabarabara mabi kandi uturere twinshi ntitugendwa kiretse ukoresheje indege canke ubwato - kandi inzira yonyene ishika nka hose muri ico gihugu, ni uruzi Kongo.

Mu kwezi guheze, abantu bashika 167 basize ubuzima mu mpanuka z'ubwato bubiri mu kiyaga Kivu.

Vyatumye umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi, yashikiriye ubutegetsi mu kwezi kwa mbere, aca ategeka ko ingenzi zose zo mu bwato zitegerezwa kwambara utujaketi dutuma umuntu areremba ku mazi.

Ariko ntibizwi neza nimba abari mu bwato bwarohamye kuwa gatandatu bari bambaye utwo tujaketi.

Ibindi kuri iyi nkuru