Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo yashinze leta yubahiriza ubungane bw’igitsina

Perezida Cyril Ramaphosa yimitswe ku munsi wa gatandatu uheze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Cyril Ramaphosa yimitswe ku munsi wa gatandatu uheze

Umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, yatangaje leta nshasha irimwo igitigiri c'abagore kingana n'ic'abagabo, ubwa mbere muri kahise k'ico gihugu.

Inyuma y'aho umugambwe wiwe ANC utsindiye amatora mu ntango za kuno kwezi, Bwana Ramaphosa yagabanije igitigiri c'abashikiranganji bagize leta, akivana kuri 36 agishira kuri 28.

Ikinyamakuru Times Live co muri ico gihugu kivuga ko asa n'uko yashize ku ruhande abagirizwa kurya ibiturire canke "gufatira amaboko imugongo leta " .

Bwana Ramaphosa yariyemeje kurwanya igiturire, ariko abanyamakuru bavuga ko abantu batangajwe n'ukubona yagumijeho icegera ciwe, David Mabuza.

Bwana Mabuza, umugenzi wa hafi cane w'uwahora ari umukuru w'igihugu Jacob Zuma, ariyamiriza ivyo yagirizwa vy'ubwicanyi bushingiye kuri politike be n'ugutanga amasoko bidakurikije amategeko.

Hagati aho, ku bitari vyitezwe, Bwana Ramaphosa yaragenye Patricia de Lille,umunyapolitike wa kera atavuga rumwe n'ubutegetsiu, kuba umushikiranganji w'amabarabara.

Ibindi bisa n’ibi