Isirayeli igiye gutegura ayandi matora inyuma y’aho Netanyahu ananiriwe n’ugushinga leta y’ihuriyemwo bose

Intsinzi y'umugambwe Likud Party wa Bwana Netanyahu wamuhaye akaryo ko kuguma ku butegetsi mu kiringo kigira gatanu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intsinzi y'umugambwe Likud Party wa Bwana Netanyahu wamuhaye akaryo ko kuguma ku butegetsi mu kiringo kigira gatanu

Abashingamateka b'igihugu ca Isirayeli batoye itegeko rifuta inama nshingamateka, inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu ananiriwe n'ugushinga leta ihurikiyemwo bose.

Ayo matora y'inama nshingamateka yatumye hategerezwa gutegurwa ayandi matora, ategekanijwe kuba ku wa 17 z'ukwezi kw'icenda uyu mwaka.

Inyuma y'amatora yo mu kwezi guheze kwa kane, Bwana Netanyahu yananiwe n'ugushika ku masezerano yari gutuma hashingwa leta ihurikiyemwo bose ishingiye ku vyiyumviro vy'abadashaka ko ibintu bihinduka.

Vyose vyavuye ahanini ku kutumvikana ku biraba integuro y'itegeko ryemerera abanyeshure b'abayahudi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Orthodox kutaja mu nyigisho za gisirikare zitangwa nk'itegeko.

Nibwo bwa mbere muri kahise ka Isirayeli aho umushikiranganji wa mbere yagenywe ananirwa n'ugushinga leta.

Inama nshingamateka yatoye itegeko riyisambura ku majwi 74 kuri 45, inyuma y'aho ikiringo co gushika isaha zitandatu z'ijoro cari cahawe Bwana Netanyahu ngo abe yashinze leta kirangiriye atabishikako.

Kubera iki ibiganiro vy'ugushinga leta vyanse ?

Bwana Netanyahu yatanguye ibiganiro vy'ugushinga leta y'ihurikiyemwo bose inyuma y'aho umugambwe wiwe, Likud Party, utsindiye intebe 35 kuri 120 zigize inama nshingamateka, Knesset, mu matora yo mu kwezi kwa kane kw'uyu mwaka.

Iyo ntsinzi yamuhaye akaryo ko kuguma ku butegetsi mu kindi kiringo kigira gatanu.

Ariko rero vyaranse ko yumvikana n'uwahoze ari umushikiranganji w'ukwivuna abansi, Avigdor Lieberman.

Bwana Lieberman, wo mu mugambwe Yisrael Beitenu, yavuze ko ari ngombwa y'uko imigambwe y'abayahudi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Orthodox ija hamwe kugira ngo ihindure amategeko abemerera kutaja mu bikorwa vya gisirikare.

Bwana Netanyahu yasavye ko haba ayandi matora kugira abuze umukuru w'igihugu wa Isirayeli, Reuven Rivlin, kugena uwundi mushingamateka yogerageza gushinga leta.

Avugana n'abamenyeshamakuru inyuma y'ayo matora, Bwana Netanyahu yavuze ati : "Tuzokwiyamamariza bikomeye ayo matora kugira ngo tuyatsinde. Tuzoyatsinda, tuzoyatsinda kandi abanyagihugu bazoyatsinda".

None hagiye gukurikira iki?

Bwana Netanyahu - aboneka ko agiye kuba umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli amaze igihe kirekire gusumba abandi - azoguma ku butegetsi gushika amatora yo mu kw'icenda abaye.

Nta mugambwe n'umwe urashobora kuronka igitigiri c'amajwi kirenze ibice 50 kw'ijana muri iyo nama nshingamateka ya Isirayeli igizwe n'abashingamateka 120 - ivyamye bituma ico gihugu cama gitwarwa na za leta zihurikiyemwo bose.

Bwana Netanyahu arashobora guhura n'ikindi kibazo mu mezi ari imbere, aho ashobora kwagirizwa magendo n'ibiturire, ivyiyongera ku bindi bimwagirizwa ko ariko agerageza kwikingira kugira ntazokurikiranwe n'ubucamanza.

Yagirizwa ko yemeye kwakira ibipfukamunwa ahawe n'abagwizatunga kandi ko yagerageje gutanga uturusho kugira ngo aronke umwanya munini mu bimenyeshamakuru.

Bwana Netanyahu arahakana ivyo vyose yagirizwa.

Mu gihe ubucamanza bwomukubita intahe mu gahanga, sentare nkuru y'igihugu izoca imenyesha nimba azotegerezwa gutanga imihoho.

Ibindi bisa n’ibi