Igisirikare ca Kongo cerekanye ibiziga kivuga ko ari inyeshamba za ADF cishe

Abasirikare ba Kongo barahanganye n'abarwanyi ba ADF mu buseruko bw'ico gihugu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Kongo barahanganye n'abarwanyi ba ADF mu buseruko bw'ico gihugu

Igisirikare ca Repulbika y'Intwaro Rusangi ya Kongo kivuga ko cishe abarwanyi 26 b'umurwi Allied Democratic Forces (ADF), uvugwa ko woba ucuditse n'umurwi ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu wiyita Leta ya ki Isilamu (Etat Islamique).

Ibiziga vy'abishwe hafi vyose vyerekanywe mu gisagara ca Beni mu ntara ya Kivu y'Uburaruko, aho abantu amajana bamaze kwicwa n'uwo murwi mu myaka iheze.

Ntibiramenyekana nimba abapfuye bose boba ari abanye Kongo, ariko bivugwa ko umwe muri bo yari umuzungu.

Umurwi ADF - mu ntango wari ugizwe n'aba isilamu bakomoka mu gihugu ca Uganda - umaze imyaka hafi mirongo ibiri ukorera mu karere k'ubuseruko bw'igihugu ca Kongo.

Mu rugendo aherukamwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umukuru w'igihugu ca Kongo, Felix Tshisekedi, yavuze ko umurwi ADF winjiwe n'abarwanyi b'uwo murwi wiyita Leta ya Ki Isilamu.

Uwu nawo ukaba uherutse gutangaza ko wamaze gukora igitero ca mbere muri ico gihugu.