Abakuru b'ibihugu vya Angola, u Rwanda na Kongo biyemeje kugarukana umutekano mu karere k'ibiyaga binini

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC GAHUZA
Image caption Paul Kagame w'u Rwanda (ibubamfu), Felix Tshisekedi wa Kongo (hagati) na João Manuel Gonçalves Lourenço wa Angola

Abakuru b'ibihugu vya Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, Angola n'u Rwanda bumvikanye ko bagiye kurandurana n'imizi imirwi yitwaje ibirwanisho yo muri Kongo mu ntumbero yo gutsimbaza umutekano mu karere k'ibiyaga binini.

Ivyo babimenyesheje mw'itangazo ryasohowe n'abo bategetsi batatu, João Manuel Gonçalves Lourenço wa Angola, Paul Kagame w'u Rwanda na Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo wa Kongo, inyuma y'umubonano wabo wabereye ahitwa N'Sele ku mugwa mukuru Kinshasa.

Abakuru b'ibihugu vy'u Rwanda na Angola bari basanzwe mu rugendo muri ico gihugu, mu ntumbero y'ukwifatanya n'abanyekongo mu birori vy'ugusezera uwahoze ari umushikiranganji w'ico gihugu, umuhisi Etienne Tshisekedi wa Mulumba, akaba ari se w'umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi.

Muri iryo tangazo, abo bategetsi bamenyesheje ko bagiye gukomeza urunani bise CAR (Congo - Angola - Rwanda), urunani bavuga ko bazosaba n'abandi bakuru b'ibihugu bo muri aka karere kwinjiramwo. Ni mu ntumbero yo "kurondera uburyo n'inzira z'ugutuza imirwi yitwaje ibirwanisho, yaba iyigizwe n'abanyekongo canke iyigizwe n'abanyamahanga".

Bavuga kandi ko urwo runani ruzobafasha gutorera umuti ibindi bibazo vyose bijanye n'umutekano w'ibihugu vyo mu karere.

Abo bakuru b'ivyo bihugu biyemeje ko bagiye kunagura Inama mpuzamakungu y'akarere k'ibiyaga binini, CIRGL, nk'ishirahamwe rijejwe gutorera umuti ibibazo vy'umutekano muri ako karere.

Hampande y'ivyo, abakuru b'ivyo bihugu biyemeje gutsimbataza imigenderanire mu vy'ubutunzi, mu "guteza imbere ubudandaji hagati yavyo be n'ukunagura ibarabara ry'indarayi Kolwezi-Dilolo kugira ngo rishike mu gisagara ca Benguela muri Angola".

Igihugu ca Kongo kiravugwamwo imirwi myinshi yitwaje ibirwanisho, ibangamiye umutekano w'ico gihugu be n'uwo ibihugu bihana imbibe naco, harimwo cane cane u Rwanda, Uburundi na Uganda.