Uwahoze ari umukinyi wa Arsenal Antonio Reyes yapfuye afise imyaka 35 ahitanywe n'isanganya

Jose Antonio Reyes Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Reyes yari umwe mu bakinyi ba Arsenal bazwi nka "les invincibles" (abadatsindwa) mu mwaka wa 2003-04 bahejeje badatsinzwe na rimwe

Umurwi w'umupira w'amaguru wo mu gihugu ca Espanye, Seville, umenyesha ko Jose Antonio Reyes yahoze ari umukinyi wa Arsenal yahitanywe n'isanganya ry'imodoka.

Iciye ku rubuga hwaniro rwa Twitter, uwo murwi wanditse uti: "Vyatugoye gutanga iyo nkuru mbi".

Umurwi wa Arsenal watangaje ko wababajwe cane n'urwo rupfu rw'uwahora ari umukinyi wawo.

Thierry Henry yakinanye nawe kuva mu 2004 gushika mu 2007 yamwise "umukinyi rurangiranwa, bakinanye neza kandi ko yari umuntu adasanzwe".

"Ku rubuga rwiwe rwa Twitter yanditse ati: " Nipfurije umuryango n'incuti kubandanya bihangana muri bino bihe bigoye".

Eka na Freddie Ljungberg nawe nyene bakinanye yavuze ko ababajwe cane n'urupfu rw'uwahoze ari umukinyi mugenzi we, Jose Antonio Reyes. "Agiye hakiri kare cane, ndifatanije n'umuryango wiwe n'incuti".

Reyes yatanguye gukina mu mwaka wa 1999-2000 afise imyaka 16 y'amavuko akaba yariwe mukinyi muto cane gusumba abandi muri uwo murwi wa Seville.

Yinjiye mu murwi wa Arsenal mu kwezi kwa mbere kw'umwaka wa 2004 akaba yari umwe mu bakinyi ba Arsenal bazwi nka "les invincibles" (abadatsindwa) , inyuma y'aho batsindiye ihiganwa ry'umupira w'amaguru w'Ubwongereza mu mwaka wa 2003-2004 batigeze batakaza urukino na rumwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Reyes yakinanye na Thierry Henry muri Arsenal

Vyari ibintu bidasanzwe, bitari bwigere bibaho mu myaka 50 yose mu mateka y'iryo higanwa ryo mu Bwongereza.

Mu mwaka uheze, vyavugwa ko Reyes yashatse kugaruka muri Arsenal, ariko aje gufashanya n'umumenyereza Unai emery, yigeze kumumenyereza muri Seville.

Asize umupfakazi Noelia Lopez n'abana batatu bavyaranye, abigeme babiri - Noelia na Triana, be n'umuhungu Jose Antonio Junior.