Abantu 12 barishwe mu gitero c'inkoho cakozwe n'umukozi kuri bagenziwe mu gisagara ca Virginia muri Amerika

abajejwe ubutabazi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters/WAVY-TV/NBC
Image caption Ico gitero kigize ica 150 muri uno mwaka wa 2019 wonyene

Abantu bashika 12 barishwe abandi barakomereka mu gitero cakozwe n'umuntu yitwaje inkoho ku nyubakwa ya leta ejo ku munsi wa gatanu mu gisagara ca Virginia muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Abategetsi bavuga ko uyo yakoze ico gitero ari umukozi wo mu karere ka Virginia Beach ku nkengera y'ibahari, akaba yarishwe n'abajejwe umutekano mu gihe yarasana nabo.

Abantu bashika bane harimwo n'umwe mu bajejwe umutekano barakomeretse muri ico gitero.

Ico gitero cabaye nk'isaha icumi ku nyubakwa y'ibiro vya Virginia Beach, akarere gasanzwe karimwo amazu atari make ya leta.

Abapolisi baciye bazibira amayira yinjira muri iyo nyubakwa abakozi nabo barahungishwa

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abapolisi baciye bazibira amayira yinjira muri iyo nyubakwa abakozi nabo barahungishwa

Megan Banton, umukozi wo muri iyo nyubakwa yabwiye televiziyo yo muri ako karere, WAVY, ati: "Twumvise abantu bavuza induru babwira n'abantu kuryama hasi".

Umwe mu bahazise ubuzima yarasiwe mu modoka yari hanze, mu gihe abandi barasiwe muri iyo nyubakwa.

Umukuru w'igipolisi muri ako karere, James Cervera, avuga ko abapolisi bane binjiye muri iyo nyubakwa bahura n'uyo muntu, "baca barasana ubwo nyene", uyo nyene gukora ico gitero akaba yararashwe arapfa.

Avuga ati: "Nashaka mumenye ko mu gihe barasana, abapolisi bashoboye kubuza uyo muntu kubandanya yiha inkumbi muri iyo nzu".

Igipolisi kikaba camusanganye inkoho nini be n'iyindi ntoya (pistolet), zizwi ko ari zo zakoreshejwe muri ico gitero.

Ikigo kijejwe kubika amakuru ajanye n'ubukozi bw'ikibi hakoreshejwe inkoho, Gun Violence Archive, kimenyesha ko ico gitero kigize ica 150 muri Amerika muri uno mwaka wa 2019.

Ikigo kijejwe igendereza muri Amerika FBI cishikiye aho iryo bara ryaguye mu ntumbero y'ugufasha abategetsi b'ako karere gukora amatohoza.

Ibindi bisa n’ibi