Umuririmvyi Jose Chameleone avuga ko ashaka gukurikira Bobi Wine muri politike

Jose Chameleone avuga ko ashima ivyo Bobi Wine amaze gukora Uwufise ububasha kw’isanamu facebook.com / jose chameleone
Image caption Jose Chameleone avuga ko ashima ivyo Bobi Wine amaze gukora

Bisa n'ibigezweho ko muri Uganda abanyamuziki karuhariwe birukira politike.

Umuririmvyi karuhariwe Chameleone atangaza ko ashaka kwinjira muri politike agakurikira mugenziwe Bobi Wine.

Ikinyamakuru Observer co muri ico gihugu casubiyemwo amajambo ya Jose Chameleone, izina ryiwe ry'ukuri rikaba ari Joseph Mayanja, aho avuga ko yipfuza kurongora umugwa mukuru Kampala.

Chameleone ni umwe mu banyamuziki bo mu karere ka Afrika y'ubuseruko bazwi cane.

Imwe mu ndirimbo ziwe zamenyekanye cane ni iyo yise "Shida za Dunia" (twogereranya mu Kirundi nk'"Ingorane zo kuri ino si"), ivuga ku bibazo bihanze abanyagihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bobi Wine yagiranye ibibazo n'ubutegetsi kuva atowe nk'umushingamateka mu mwaka wa 2017

Asigura imigambi yiwe, avuga ati: "Iyo ibintu vyanse mu gihugu, abanyagihugu batangura kwikangura...abanyagihugu baharanira ubutegetsi bwiza, ico naco ntibaragishikako".

Chameleone w'imyaka 40 y'amavuko, aremera ko yigiye kuri Bobi Wine.

Avuga ati: "Abiyumvira ko ari ugushima ivyo Bobi Wine yakoze, nabo bafise ukuri".

"Bobi yaradukanguye avuga ati: 'Ubu turakuze, turashobora kubikora'. None ng'aho ingorane ziri he? Ibiri kw'isi vyose vyatangujwe n'abantu".

Bobi Wine, izina ryiwe ry'ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi, yatowe nk'umushingamateka ku giti ciwe mu matora y'akarere yo mu mwaka wa 2017.

Kuva atowe, yamye arongora imyiyerekano y'abanyagihugu yatumye ahagarikwa yagirizwa guhemukira igihugu. Avuga ko igipolisi camuhohoteye mu gihe yari mu ibohero - ikirego inzego z'umutekano za Uganda zihakana.

Ibindi bisa n’ibi