Kubera iki amakungu ashinze ijisho ibibera mu gihugu ca Sudani?

Ibihugu vyo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati n'ibihugu vya rutura bishinze ijjisho imishamirano yo muri Sudani Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibihugu vyo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati n'ibihugu vya rutura bishinze ijjisho imishamirano yo muri Sudani

Abantu baharurwa muri mirongo baramaze kwicwa barashwe, mu gihe imirwi yitwara gisirikare inyagara mu mabarabara, ikubita yongera irasa abasivire idacagura .

Abaganga begamiye uruhande rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko imigumuko yadutse muri Sudani ikavamwo ubwicanyi imaze guhitana abantu bashika 113 kuva aho ubutegetsi bufatiye ingingo yo kwirukana abari mu myiyerekano ku wa 03 z'uku kwa gatandatu.

Leta yoyo yemera abantu 61.

Ibihugu bitari bike bishinze ijisho ibiriko birabera ku mugwa mukuru Khartoum, kuva Arabia Saudite gushika mu Misiri, kuva kandi muri Turkiya gushika mu Burusiya.

Umunyamakuru wa BBC mu gisata c'ururimi rw'icarabu, Omar El Tayeb, arerekana ibihugu bifise uruhara muri urwo ruhagarara rwa Sudani n'ingene ivyo bishobora guhindura ibintu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Jenerali Abdel Fattah al-Burhan arongoye inama ya gisirikare ya Sudani yabonanye n'igikomangoma ca Arabia Saoudite Mohammed bin Salman i Macca ku wa 01 z'ukwagatandatu

Umurwi ugizwe na Arabia Saoudite-Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu-Misiri

Ivyatumye haduka imigumuko mu karere k'uburasirazuba bwo hagati ni navyo bisigura ibibera muri Sudani: cane cane ukutumvikana hagati ya Arabia Saoudite n'incuti zayo zo mu kigobe c'Abarabu ku ruhande rumwe, na Turkiya na Qatar ku rundi ruhande.

Arabia Saoudite iri kumwe na Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Misiri ihana urubibe na Sudani, irafasha bikomeye abategetsi ba gisirikare b'ico gihugu.

Ivyo bihugu bitatu vyose vyamye bigerageza kurwanya imirwi y'abagumutsi muri ako karere, cane cane umurwi w'aba isilamu uzwi nka "Frères Musulmans/Muslim Brotherhood" uzwi nk'abarwanya intwaro z'agahotoro.

Arabia Saoudite iri kumwe na Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu barafashije ubutegetsi bwa gisirikare mu kubwemerera amahera atari make kugira ngo ifaranga rya Sudani ntirite agaciro, kandi kugira ngo ico gihugu gishobore kwinjiza ibidandazwa vya nkenerwa.

Imbere y'uruhigi ku bari mu myiyerekano mu ntango za kuno kwezi, abategetsi bakuru ba gisirikare baragendeye Arabia Saoudite iri kumwe na Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Misiri mu ntumbero yo kurondera ko ivyo bihugu bibashigikira.

Ivyo bihugu vyarakomeje uruhara rwavyo muri Sudani inyuma y'aho Omar al-Bashir yari amaze igihe kirekire atwara ico gihugu akuriwe ku butegetsi mu kwa kane kw'uno mwaka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ku butegetsi bwa Omar Al-Bashir, ubucuti hagati ya Sudani na Turkiya irongowe na Erdogan bwari bukomeye

Umurwi ugizwe na Turkiya na Qatar

Turkiya na Qatar bishigikiye urundi ruhande rusanzwe rushigikiwe n'ibindi bihugu vya ki isilamu vyamye bifitaniye ubucuti na Sudani kuva kera.

Qatar ifasha mu burimyi no kurwiza imfungurwa muri ico gihugu kigenzi, mu gihe Turkiya yunze ubumwe budasanzwe na Sudani ku butegetsi bwa Al-Bashir.

Mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2018, Qatar, Turkiya na Sudani vyarasinyiraniye amasezerano y'imiliyaridi zine yo kwubaka ikivuko ca Suakin co muri Sudan kiri ku kiyaga gitukura, bakongera bakahubaka n'ibiro bitoya vya Turkiya.

Mu kiringo c'imyaka 30 yamaze ku butegetsi, Al-Bashir yarashoboye kugumana ubucuti n'izo mpande zompi.

Ariko, abategetsi ba gisirikare bivugwa ko biyegereje gusumba uruhande rwa Arabia Saoudite n'incuti zayo zisanzwe zishigikiye umukuru w'umurwi wa gisirikare urongoye igihugu, liyetena jenerali Abdul Fattah Al Burhan.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abari mu myiyerekano muri Sudani bariyemeje kuyibandanya gushika ubutegetsi bushizwe mu minwe y'abasivire

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika

Nta murwi n'umwe muri iyo ibiri ufitaniye ubucuti n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi canke woba ushigikiye ishingwa ry'intwaro rusangi nyakuri muri Sudani.

Imyiyerekano iri muri ico gihugu irongowe n'ihuriro ry'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, amasendika, n'iyindi mirwi itaguva rumwe n'ubutegetsi, ishigikiwe n'abarwanya ubutegetsi bwa Sudani y'Epfo.

Bashigikiwe n'ibihugu vya Bulaya y'Uburengero hamwe n'umuryango w'Umuwe bwa Afrika, wanakuye ico gihugu muri uwo muryango, wongera ugabisha ubutegetsi bwa gisirikare ko bushobora gufatirwa ibindi bihano mu gihe batosubiza ubutegetsi abasivire.

Ariko rero, igisirikare kirashobora kwizigira ko gishigikiwe n'igihugu ca Misiri gisanzwe gifise igihagararo gikomeye muri uwo muryango usanzwe kandi urongowe n'umukuru w'ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yarashitse ku mugwa mukuru Khartoum ku munsi wa gatanu w'indwi iheze mu kugerageza kwumvikanisha impande zompi.

Ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi baranse kwicarana n'abategetsi ba gisirikare batizewe inyuma y'aho bafutiye amasezerano yari aherutse gushikwako.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sudan ihana urubibe n'ikiyaga gitukura, bikayiha inguvu mu gukomeza imigenderanire n'ibindi bihugu

Umurwi w'Uburusiya, Ubushinwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika

Kubona ibihugu vya rutura nka Amerika n'umuryango w'ibihugu vya Bulaya bitisutse muri iyo migumuko, vyatumye ibihugu vyo mu karere bigira uruhaha rukomeye.

Nivyo ko iciye ku bategetsi ba Arabia Saoudite Amerika yagerageje guhimiriza abategetsi ba Sudani ko boreka guhohotera abari mu myiyerekano, ariko ubutegetsi bwa Donald Trump nta kariro bwashizemwo.

Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, Amerika yaratezuriye ibihano mu vy'ubutunzi ico gihugu cari cafatiwe kubera ivyo cagirizwa vy'iterabwoba n'ihonyangwa ry'agateka ka muntu mu ntambara y'i Dalfur mu myaka ya 1990.

Hanyuma n'abategetsi ba gisirikare barakoranye n'umuryango w'ibihugu vy'Ubulayi mu kurwanya iterabwoba kw'isi n'uguhagarika abimukira baja i Bulaya.

Hanyuma, Uburusiya n'Ubushinwa vyipfuza imbere ya vyose ko igihugu gitekana.

Kuva kera, Uburusiya bwamye bushora ibirwanisho muri ico gihugu ca Sudani , n'inyuma y'aho ONU igifatiye ibihano mu mwaka wa 2005.

Mu mwaka wa 2017, Sudani nico gihugu ca mbere c'abarabu caronkejwe indege nshasha z'indwano Su-35 z'Uburusiya.

Hariho kandi n'inyungu mu vy'ubudandaji - amakompanyi y'abarusiya yarongereje umurindi mu gisata c'ugucukura ubutare, cane cane inzahabu n'igitoro.

Eka n'imigenderanire hagati y'Ubushinwa na Sudani imaze igihe kitari gito.

Ubushinwa bwarafashije mu guteza imbere igisata c'ugucukura igitoro, ubu naho kikaba kiriko mu vy'uguhanahana amakuru n'ukwubaka amabarabara.

Ibindi bisa n’ibi