Ubutaliyano bwugaye ikambi y’abimukira ya Mineo mw'izinga rya Sicile

Kuva imigambwe ishingiye ku vyiyumviro vya kera ishitse ku butegetsi, Bwana Salvini yamye agerageza kuzibira abimukira binjira mu Butaliyano Uwufise ububasha kw’isanamu KARPOV/SOS MEDITERRANEE
Image caption Kuva imigambwe ishingiye ku vyiyumviro vya kera ishitse ku butegetsi, Bwana Salvini yamye agerageza kuzibira abimukira binjira mu Butaliyano

Leta y'Ubutaliyano yasohoye itegeko ridasanzwe rigenga ubwato butabara abimukira binjira muri iico gihugu.

Iyo ngingo yafashwe hasigaye amasaha make ngo umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'ico gihugu, Matteo Salvini, atangaze ko yugaye ikigo cakira abimukira mw'izinga rya Sicile.

Iyo tegeko rivuga ko ubwato buzokwinjira mu mazi y'Ubutaliyano ata ruhusha buzotozwa ihadabu riri hagati y'amadolari 11.300 na 56 000.

Kuva urunani rw'imigambwe ishingiye ku vyiyumviro vya kera rushitse ku butegetsi, Bwana Salvini yamye agerageza kuzibira abimukira binjira mu Butaliyano.

Iryo tegeko ritegerezwa kwemezwa n'inama nshingamateka y'ico gihugu isanzwe igwiriyemwo urunani ruri ku butegetsi.

Amashirahamwe ajejwe ubutabazi avuga ko kuva Ubutaliyano bwankiye abantu baharurwa mu majana bari mu bwato Aquarius kwinjira mu gihugu, haciye umwaka, abashika 1151 baramaze gutwarwa n'ikiyaga Méditerranée. Abandi bashika ibihumbi cumi nabo barasubijwe mu gihugu ca Libya aho bahura n'ingorane zitari nke.

Ayo ni nk'amashirahamwe MSF na SOS Mediterranee avuga ko iyo ngingo ishobora gutuma abimukira barondera ubuhungiro bashobora gufa ku bwinshi ugereranije n'umwaka uheze.

Itororokanirizo ry'amakuru Ansa ryo muri ico gihugu, rimenyesha ko iyo ngingo y'ukwugara ikambi ya Mineo mw'izinga rya Sicile ifashwe inyuma y'aho igitigiri c'abimukira barondera ubuhungiro kigabanukiye, kuva ku bantu 2526 gushika kuri 152.

Bwana Salvini avuga ko hari n'ibindi bigo vyari bimaze kwugarwa kuva hafashwe ingingo yo kwugara ibivuko bikoreshwa mu kwakira abo bantu.

Ibindi bisa n’ibi