Mexique ivuga ko igiye kugurisha indege ya Perezida mu guhangana n'ikibazo c'abimukira bo mu kinyegero

Iyo ndege y'umukuru w'igihugu ca Mexique yari yaguzwe mu mwaka wa 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iyo ndege y'umukuru w'igihugu ca Mexique yari yaguzwe mu mwaka wa 2016

Umukuru w'igihugu ca Mexique, Andres Manuel Lopez Obrador, amenyesha ko azokoresha amahera azova mw'igurishwa ry'indege y'umukuru w'igihugu mu twigoro tw'uguhagarika uruja n'uruza rw'abimukira bo mu kinyegero.

Iyo ngingo ije inyuma y'aho ico gihugu na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bashikiye ku masezerano y'uguhagarika iduzwa ry'amakori ryategurwa na Amerika, hanyuma Mexique nayo igakora ibishoboka vyose kugira ngo izibire abimukira bo mu kinyegero baja muri Amerika.

Mu gihe c'imyiyamamazo mu matora y'umwaka uheze wa 2018, Bwana Lopez Obrador yari yemereye abanywanyi biwe ko yari kugurisha iyo ndege, amahera yovuyemwo akayakoresha mu gufasha aboro.

Yavuga ko igiciro c'iyo ndege Boeing 787 Dreamliner ari imiliyoni 150 y'amadorari y'Abanyamerika. Yari yaguzwe imiliyoni 218 z'amadorari.

Yari yemereye abanywanyi biwe ko yari kugendera mu ndege zisanzwe zunguruza abantu, ariko ivyo bikaba vyamaze umwanya urume rumara amaze gushika ku butegetsi.

Iyo ndege iri kw'isoko kuva amezi atari make aheze, ikaba ibitswe mu nzu y'ububiko mu ntara ya California muri Amerika.

Mexique kandi iriko irondera kugurisha n'izindi ndege 60 za leta hamwe na kajugujugu 70.

Hari abanyagihugu banegura iyo ngingo

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ejo ku wa gatatu, Bwana Lopez Obrador yabajijwe ivyerekeye amasezerano bagiriraniye na Amerika, arimwo igice kivuga ko Mexique izorungika ingabo zijejwe umutekano ku rubibe rwo mu bumanuko ico gihugu gihana na Guatemala.

Bwana Lopez Obrador yishuye ati: "Ku bijanye n'igiciro c'uwu mugambi, nagomba mvuge ko dufise amahera".

"Ashobora kuva mu yo tuzoronka nitwagurisha iyi ndege y'umukuru w'igihugu".

Iyo ndege yari yaguzwe mu mwaka wa 2016 bakaba bari bayitiriye "José María Morelos y Pavón" yarwaniye ukwikukira kw'ico gihugu.

Baciye ku mbuga hwaniro, bamwe mu banyagihugu ba Mexique baranegura iyo ngingo y'umukuru w'igihugu, bakavuga ko batumva ingene indege yaguzwe n'abatangakori ba Mexique yokoreshwa ku bimukira atari Abanyamexique.

Ayo masezerano hagati y'ivyo bihugu vyompi yashizweko umukono mu ndwi iheze, yatumye ingingo ya Perezida Donald Trump wa Amerika y'ukuduza amakori ku bidandazwa biva muri Mexique ihagarara.