Ibihugu bikenye vya Afrika 'biriha incuro zirenga 30 ku giciro' c’imiti

Imiti nkenerwa, nk'iyo ububabare n'ukurwanya imbanyi zitipfujwe, igurishwa ku giciro c'umurengera mu bihugu bikenye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imiti nkenerwa, nk'iyo ububabare n'ukurwanya imbanyi zitipfujwe, igurishwa ku giciro c'umurengera mu bihugu bikenye

Umuhinga mu vy'amagara y'abantu yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC ko ibihugu vya Afrika kuva ku bikenye gushika ku biri hagati na hagati mu vy'ubutunzi biriha incuro zirenze kure cane imiti ataco imaze.

Mu bihugu nka Zambiya, Sénégal, na Tuniziya, imiti ikunze kugurwa nka paracetamol ishobora kugurwa ku giciro kirenga incuro 30 ku giciro co mu bihugu vy'Ubwongereza na Amerika.

Kalipso Chalkidou wo mu kigo citaho iterambere kw'isi (Centre for Global Development), avuga ko bisa n'uko amasoko y'imiti "atayabaho".

Umupfasoni Chalkidou ajejwe imigambi mu vy'amagara y'abantu kw'isi muri iryo shirahamwe, yarafashije mu gutegura icegeranyo ku vyerekeye ingene imiti isanzwe igurishwa, cavuze ko ibihugu bikenye n'ibiri hagati na hagati mu vy'ubutunzi, bigura imiti mike, bigatuma ata higanwa, amategeko canke imiti myiza bihaba.

Ico cegeranyo kivuga ko ibihugu bitunze bifise ubushobozi bwo kugura imiti ku giciro gitoya kubera amahera y'igihugu n'amategeko agenga igurishwa ry'imiti.

Hagati aho, ibihugu bikenye bishaka kugura imiti izimvye cane, hakugura imiti izimbutse igize ibice 85 kw'ijana vy'imiti igurishwa mu Bwongereza no muri Amerika.

Ibihugu bikenye cane rwose, vyovyo nta ngorane bigira kuko abagiraneza babigurira imiti nk'imfashanyo, bikavuga ko imiti yavyo iri kw'isoko iguma ku giciro gito.

Ibihugu bifise amikoro make canke biri hagati na hagati "bifise ubushobozi buke bw'uguharira ku giciro n'imiti ngirakamaro", kandi ugasanga barondera kurenzako, akenshi kubera amakori n'ibiturire.

Avuga ko kubera ata mategeko ruhasha ariho, bituma imiti myiza idahuta kuboneka.

Umupfasoni Chalkidou asigura ati: "Ata mategeko, abantu bapfa kugura imiti bibaza ngo irakora naho idakora".

Ico cegeranyo gisaba ko hoba ugukorana gukomeye ku rwego rw'isi, integurp y'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, nayo igasubirwamwo, co kimwe n'integuro z'ibihugu bimwe bimwe, kugira ngo ibijanye n'igurishwa ry'imiti bikorwe neza.