Xi Jinping w’Ubushinwa ari mu rugendo muri Koreya ya Ruguru mu ntumbero y’ugukomeza ubucuti

Abo bategetsi ntibari bwabonanire muri Koreya ya Ruguru Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo bategetsi ntibari bwabonanire muri Koreya ya Ruguru

Umukuru w'igihugu c'Ubushinwa, Xi Jinping, ari mu rugendo muri Koreya ya Ruguru, aho yagiye kubonana na mugenziwe w'ico gihugu Kim Jong-un.

Nirwo rugendo rwa mbere akoze muri ico gihugu kuva mu mwaka wa 2005.

Hampande y'ivyerekeye ubutunzi, vyitezwe ko abo bategetsi babiri baza kuganira kandi ku vyerekeye ibiganiro vyahagaze ku mugambi wa Koreya ya Ruguru w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Ni urugendo rubaye indwi imwe imbere y'uko haba inama izohuza ibihugu 20 bitunze kurusha ibindi kw'isi (G-20) izobera mu Buyapani, aho Bwana Xi yiteze kubonana na Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abihweza ibintu n'ibindi babona ko Bwana Xi akeneye kumenya ivyatumye ibiganiro hagati ya Trump na Kim bihagarara, nimba kandi hashobora kuboneka inzira yo kubibandanya. Bwana Xi ashobora kuvugana na Bwana Trump ku vyo azoba yavuganye na Kim.

Mbega Ubushinwa bwipfuza iki?

Ikintu nyamukuru Ubushinwa bwipfuza, ni uko hoba ituze muri Koreya ya Ruguru, maze ivyo bihugu vyompi bigatsimbataza imigenderanire muvyo ubutunzi.

Ubushinwa kandi bwipfuza ko bwogira uruhara ruboneka mu biganiro vyerekeye umugambi w'inguvu za nukleyeri.

Imigenderanire hagati y'ivyo bihugu vyompi vya gikomuniste imaze igihe kirekire, ariko imigenderanire yarahungabanye mu myaka cumi iheze, kubera Ubushinwa butakiriye neza umugambi wa Koreya ya Ruguru wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.

Ikinyamakuru cegamiye ubutegetsi bw'Ubushinwa camenyesheje ejo ku wa gatatu ko urwo rugendo rushobora gutuma abo bategetsi bompi "bashika ku masezerano aboneka ajanye n'ugufashanya".

Koreya ya Ruguru yoyo yoba ishaka iki?

Urwo rugendo ni akaryo ka Bwana Kim ko kwerekana ko agishigikiwe n'Ubushinwa.

Jenny Town arongoye urubuga ngurukanabumenyi 38 North rwa Amerika avuga ko Abanyakoreya ya ruguru"bashaka kugumana imigenderanire n'abagenzi babo. Ariko avuga ko batizeranye cane, kandi ko ata gushaka kwinshi kwibonekeza hagati yabo.

Ubushinwa bwarashigikiye ibihano muvyo ubutunzi vyafatiwe Koreya ya Ruguru, ariko buripfuza ko vyotezurwa kugira ngo nayo yumve ko yoheba umugambi wayo w'ugukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Umuhinga ku gihugu ca Koreya ya Ruguru, Peter Ward, yabwiye BBC ati: "Ubushinwa bwipfuza kubona ubutunzi bwa Koreya ya Ruguru butera imbere, kugira ngo nayo ntiyumve ko ikeneye kugerageza ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara".