Ibiteramo Koffi Olomide yategekanya muri Afrika y’Epfo vyahagaritswe

Koffi Olomide yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwe mu bigeme basanzwe bamufasha gutamba igihe yari afise imyaka 15 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Koffi Olomide yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwe mu bigeme basanzwe bamufasha gutamba igihe yari afise imyaka 15

Ibiteramo bibiri vy'umuririmyi rurangiranwa Koffi Olomide vyahagaritswe kubera ivyo yagirizwa vy'ugufata ku nguvu abigeme akoresha mu muziki wiwe.

Koffi Olomide akomoka muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Kongo aragirizwa ko yafashe ku nguvu umwe mu bigeme basanzwe bamufasha gutamba igihe yari afise imyaka 15.

Olomide w'imyaka 62 y'amavuko, izina ryiwe ry'ukuri ni Antoine Agbepa Mumba yategekanya kugira igiteramo mu kigo ca Gallagher Convention Centre ha nze y'igisagara ca Johannesburg ku wa 28 z'uku kwa gatandatu.

Inyuma y'aho, yategekanya gukora ikindi mu kigo ca Shimmy Beach Club kiri muri Cape Town haciye iminsi ibiri.

Ariko ivyo bigo vyahagaritse ivyo biteramo inyuma y'isekeza ry'ukubirwanya ryakorewe ku mbuga hwaniro baciye ku rufunguruzo #StopKoffiOlomide kubera ivyo yagirizwa vy'ugufata ku nguvu.

Charles Wilson arongoye ikigo Gallagher Convention Centre yanditse ati: "Muramenyeshejwe ko igiteramo ca Koffi Olomide ….kitakibaye".

Nayo Shimmy Beach yamenyesheje ku munsi wa kabiri ku rubuga rwa Twitter ko yafashe ingingo yo guhagarika igiteramo ciwe mu ndwi iheze.

Iyo ngingo yaranezereje abari batanguje kuri Twitter iryo sekeza ryo kubuza Koffi Olomide ivyo biteramo muri Afrika y'Epfo.

Mu kwezi kwa gatatu, sentare y'Ubufaransa yaraciriye Koffi Olomide umunyororo ubangiriwe w'imyaka ibiri mu gihe atari yitavye urwo rubanza.

Vyinshi kuri iyi nkuru soma ng'aha.