Imbwa rurangiranwa yo muri Mexique yafasha gutabara abantu yaruhuriwe inyuma y’imyaka icenda

Iyo mbwa Frida yarashimiwe ku bikorwa yakoze vy'ukurokora abantu 12 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iyo mbwa Frida yarashimiwe ku bikorwa yakoze vy'ukurokora abantu 12

Imbwa yabaye rurangiranwa mu makungu kubera uruhara yagize mu gufasha gutabara muri nyamugigima yo mu mwaka wa 2017 muri Mexique yaruhuriwe inyuma y'imyaka icenda ikora ico gikorwa.

Igisirikare kirwanira mu mazi Mexican Navy's Canine Unit, categuye umunsi mukuru w'ugushimira iyo mbwa yiswe Golden Labrador Frida.

Yagiye mu bikorwa vy'ubutabazi 53 mu bihugu vya Mexique, Haiti, Guatemala na Equateur.

Igisirikare kirwanira mu mazi kivuga ko iyo mbwa Frida yarokoye abantu 12, yongera ifasha mu kwerekana ibiziga vy'abandi birenga 40.

Eduardo Redondo, icegera c'umushikiranganji ajejwe igisirikare kirwanira mu mazi, yavuze ati: "Igihe cose, ugukuga kwayo kwatanga umwizero, kandi mu bihe vy'umubabaro n'ukwihebura, yatanga umwizero".

Amasanamu ya Frida yarazungurutse isi yose, aho yerekanwa yambaye ikintu gikingira isura (masque), iriko irasaka mu bihomoka vy'ishure ryari ryabomotse ku mugwa mukuru Mexico bivuye kuri nyamugigima yahitanye abarenga 300.

Muri kino gihe ifise imyaka icumi, abayijejwe bayambitse iyo masque yayo n'ibirato, baca bayiha n'agashirukabute k'igishusho gisa n'indya cerekana ko igiye gutangura ubuzima bushasha.

Imigambi ijanye n'ukuruhurira iyo mbwa ntiremezwa, ariko amakuru avuga ko ishobora kujanwa hagati mu gihugu kugira ngo ifashe mu kwigisha izindi mbwa ivy'ubutabazi.

Bwana Redondo ati: "Frida, igikorwa kirarangiye mw'iteka".